Tanzanzia-Covid-19: Prezida Samia Suluhu agiye gushiraho umugwi w'abahanuzi b'abahinga

Yatangajwe

Prezida wa Tanzania Samia Suluhu yatangaje ko afise umugambi wo gushiraho komite y'abahinga ifise igikorwa co gutanga intumbero yo guhangana n'ikiza corona muri ico gihugu.

Prezida Samia yavuze ko Tanzania idashobora kwikumira nk'izinga mu kugwanya corona iriko itema itongora kw'isi yose kuva mu mwaka uheze.

Prezida Samia yagize ati: "Ku kibazo ca Covid-19, ndashaka gushiraho komite y'abahinga. Ntidukwiye guceceka imbere y'uko haba ubushakashatsi bw'abahinga. Batubwire uko ico kibazo cifashe... ntidushobora kwitandukanya n'abandi nk'izinga."

Ivyo prezida Samia yabivuze uyu musi ku kirimba ca Magogoni mu gisagara ca Dar es Salaam inyuma yo kurahiza abanyamabanga bakuru b'ubushikiranganji.

Uwo mutegetsi kandi yavuze ashimitse ko iyo komite izohanura ivyokorwa kandi atari ugukurikira gusa ibibera kw'isi: "Prezida Kikwete yatubwiye ko ku bwenge bw'ivyo uba wabwiwe uvanga n'ubwenge bwawe... twumvikane tuvyemere, ntidukwiye guceceka kuri iyi ngwara."

Ijambo rya prezida Samia Suluhu ryerekana ko hashobora kuba impinduka muri politike yo guhangana na coronavirus muri Tanzania.

Tanzania yatanguye yinuba ivyemezwa n'ubuhinga inyuma y'aho hemejwe ko ico kiza cashitse muri ico gihugu hagati y'ukwezi kwa gatatu mu mwaka uheze.

Uko imisi yagenda irigira imbere, niko reta yagiye idashira mu ngiro ingingo zo kugwanya ico kiza zashikirizwa n'ishami rya Onu rijejwe amagara y'abantu kw'isi WHO/OMS, nko kubuza abantu gukoranira ahantu hamwe ari benshi.

Tanzania kandi yaranse gusohora ibitigiri vy'abantu bandura iyo ngwara buri musi kuva mu kwezi kwa gatanu mu mwaka uheze.

Mu kwezi kwa gatandatu mu mwaka uheze, uwahoze arongoye ico ghugu, umuhisi John Pombe Magufuli, yatangaje ko muri ico gihugu "ata muntu acandura corona kubera amasengesho y'abanyagihugu."

Mu ntango z'uyu mwaka, Magufuli kandi yavuze ko atizeye incanco z'iyo ngwara, anagabisha ubushikiranganji bw'amagara y'abantu kutazirukira, inyuma y'aho umushikiranganji Doroth Gwajima ajejwe amagara y'abantu yatangaje ko ubushikiranganji arongoye butazogura izo ncanco.

Reta ya Tanzania yaguma ihamagarira abanyagihugu gukoresha imiti kavukire, nko kwiyubikira mu gihe iyo miti itaremezwa na WHO.

'Ibinyamakuru nibifungurwe ariko bikurikize amategeko'

Prezida Samia Suluhu Hassan yavuze kandi ko ari ngombwa gushigikira ibinyamakuru vyo mu gihugu hagati.

Yagize ati: "Ndumva ko hari ibimenyeshamakuru vyahagaritswe hamwe n'amatelevision yo kuri internet. Nimubareke bakore ariko bakurikize amategeko y'igihugu."

Yongeyeko ko ati: "Ntitubahe akaryo ko kuvuga ko duhonyanga amategeko agenga ibimenyeshamakuru".

Prezida Samia yasavye ko baraba neza ko uwo ari we wese azohabwa uburenganzira bwo gushinga ikinyamakuru, akurikiza amategeko ya reta, kandi igihano azohabwa yakoze ikosa kizobe gihuye n'iryo kosa nyene.