Uganda – DR Congo: ICJ yatanguye kwumviriza urubanza ku ntambara yahitanye benshi

DR Congo na Uganda
Yatangajwe

Sentare mpuzamakungu y'i La Haye (The Hague) kuri uyu wa kabiri yatanguye kwumviriza urubanza aho igihugu ca Republika ya Demokrasi ya Congo gisaba Uganda indishi za miliyaridi $4.3 ku ntambara yeteye muri ico gihugu mu myaka ya 90.

Urwo rubanza ruzomara imisi cumi.

Hagati ya 1996 na 2003, ibihugu vyinshi n'imigwi y'abagwanyi yaragwaniye mu buseruko bwa RD Congo mu ntambara nyinshi zikomeye zivanze no kwimba ubutare no guca ibiti zahitanye abantu ibihumbi n'ibihumbi.

Mu kwezi kwa gatandatu mu 1999, Republica ya Demokrasi ya Congo yitwaye muri sentare mpuzamakungu yagiriza ibihugu bibanyi vya Uganda, Urwanda n'Uburundi ko vyateye ico gihugu n'ibigwanisho, bihonyanga agateka ka zina muntu bisahura n'ubutunzi kama, bihonyanze amategeko ya ONU n'ayo ishirahamwe ry'Ubumwe bwa Afrika.

Ariko RD Congo yarasokoye ku birego biraba Uburundi n'Urwanda mu 2001.

Uganda ivuga ko yateye ico gihugu kibanyi kugira yivune, kubera RD Congo yafasha muri politike na gisirikare imigwi yayigwanya yari ifise icicaro muri Congo, binavuye no ku bitero vyari vyagizwe ku nyubakwa y'ubuserukizi bw'ico gihugu, n'ihonyangwa ry'agateka k'abanye Uganda baba ku mugwa mukuru Kinshasa.

Ariko mu 2005, sentare mpuzamakungu yaciye urubanza ivuga ko Uganda yateye igihugu kibanyi iciye ku ruhande amategeko kandi ko RD Congo itigeze yemerera abagwanya ubutegetsi bwa Uganda gukoresha ubutaka bwayo.

Uganda yagirijwe kwigarurira ku nguvu akarere ka Ituri ko mu buseruko bwa Congo.

Igihugu ca RD Congo gisaba indishi y'akababaro ingana na miriyaridi 10 z'amadolari ya Amerika.

N'aho hari uko kurabana ribi kumaze igihe kirekire, ivyo bihugu vyagumye bicuditse ku bindi bintu. Uganda ihaye indaro impunzi z'abanye Congo zirenga 400.000 zagiye zihunga bivuye ku ntambara nyinshi zitandukanye muri iyi myaka iheze.

Ibiharuro vy'ibanki y'isi vyerekana ko Uganda yashoreye muri RD Congo ibintu biciye imiliyoni zirenga 23 z'amadolari ya Amerika mu kwezi kwa cumi na kabiri mu 2020.

Mu mwaka uheze, Uganda yaramenyesheje umugambi wo kwubaka amabarabara arenga ibirometero 200 mu buseruko bwa Congo, mu ntumbero yo kwongereza urudandazwa hagati y'ivyo bihugu bibiri.