Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Uganda: Musenyeri mukuru wa Kampala Cyprian Kizito Lwanga yitavye Imana
Itangazo rya Diyoseze Katorika nkuru ya Kampala yahora irongowe na Cyprian Kizito Lwanga rivuga ko ejo mu gitondo basanze uyu musenyeri w'imyaka 68 yapfiriye mu cumba ciwe.
Urupfu rwiwe rwababaje abanya Uganda benshi bacishije ubutumwa bwabo ku mbuga za Twitter na WhatsApp berekana akababaro kabo.
Ku wa gatanu, yari yarongoye imisa mu birori vyo guhimbaza uwa Gatanu Mweranda.
Kizito Lwanga - yaronse ubupatiri muri Katorika mu 1978 - yari umuntu azwi cane ko adatinya kuvuga, akaba yaboneka nk'umwe mu banekura cane umugambwe NRM uri ku butegetsi.
Yari umuntu adatinya kunegura abarya ruswa, ihonyangwa ry'agateka ka zina muntu hamwe n'ivyo guhindura ibwirizwashingiro mu ntumbero yo gukuraho ingingo zigabanya ibiringo n'imyaka vy'umukuru w'igihugu vyatumye Perezida Yoweri Museveni abandanya atwara.
Mu 2012 yarandikiye urwandiko rwabaye rurangiranwa Perezida Museveni amusaba ko mu 2016 yokukuruka.
Mu 2018, uyu musenyeri mukuru yaragirije reta ko yariko iragura abapatiri kugira ngo bamukoreko igendereza anahakana amakuru yariko amuvugwako ko yariko ategura gutembagaza ubutegetsi.
Mu misi iheze, yariyamirije itotezwa n'inyuruzwa ryavugwa ko rikorerwa abanywanyi b'imigambwe itavuga rumwe n'uwuri ku butegetsi.
Mu gihe hari hegereje amatora yo mu kwa mbere 2021, yasavye ko yokwunguruzwa mu kiringo c'imyaka itatu kubera ikiza ca coronavirus n'icuka kibi ca politike.
Hagati aho, abatavuga rumwe n'ubutegetsi ntibabishimye.
Urupfu rwiwe rubaye mu gihe igihugu kirangwamwo icuka atari ciza inyuma y'amatora yo mu kwa mbere yabayemwo induru nyinshi, abatavuga rumwe n'umugambwe uri ku butegetsi nabo bakavuga ko abanywanyi babo banyurujwe.