Arteta: Umumenyereza wa Arsenal afise umujinya inyuma y'aho Liverpool ibakubitiye 3-0 muhira

Arsenal boss Mikel Arteta

Ahavuye isanamu, Reuters

Yatangajwe

Mikel Arteta avuga ko ari mu "mubabaro" akavuga ko ingene Arsenal yavyifashemwo mu gutsindirwa muhira 3-0 na Liverpool ari "ibintu bidashobora kwihanganirwa".

Uyu murwi w'Abarashi (The Gunners) nk'uko biyita warakubiswe bimwe bibi mu guterwa ibitsindo bitatu vyose mu gice ca kabiri c'urukino, Liverpool ikaba yarerekanye ko yisubije itoto inyuma y'imisi itari mike iri mu bibazo.

Mu gihe hasigaye inkino umunani ngo ihiganwa rirangire, Arsenal iri inyuma amanota icenda yose kugira ngo ishobore gushika muri zine za mbere zifise uburenganzira bwo kuja muri rya higanywa rya Buraya rihuza imirwi yabaye iya mbere iwabo (Champions League/Ligue des Champions).

Arteta ati: "Baradusumbije kabisa muri vyose. Vyose vyamvuyeko".

"Turasaba imbabazi ku bantu baco n'abafana bacu".

Arsenal, umurwi wigeze kuba rurangiranwa, uzwi ko mu mwaka wa 2003/2004 watsindiye ihiganwa utigeze utakaza urukino na rumwe, iri mu kibanza c'icenda mw'ihiganwa ry'Ubwongereza, biboneka ko amahirwe yonyene isigaranye kugira ngo ishobore kuja muri Champions League, ni uko itsindira ihiganwa rya Europa League.

Arsenal iheruka gukina muri Champions League mu 2016/2017, kuva ico gihe irirabira kure.

Ku wa kane, izokwakira umurwi Slavia Prague wo muri Tchéquie (canke République tchèque/ Czech Republic) mu rukino rwa mbere rw'igice ca kane gishira ica nyuma muri Europa League.

Arteta asaba abakinyi biwe guhagarara rugabo inyuma y'amarorerwa baraye bakorewe na Liverpool.

Mu kiganiro n'abanyamakuru inyuma y'urukino, Arteta yavuze ati: "Uno musi wari umubabaro mwinshi cane mu murwi. Ubu ndababaye cane kuko ni ibintu ntari niteze".

"Ni ukuri ibi bintu ntibigasubire. Nishize mu kibanza c'umurwi n'abakunzi bawo, ibi ntibishobora kwihanganirwa. Ni ngombwa ko duhaguruka".

"Ntegerezwa gukora ibishoboka vyose kugira ngo nsubize ibintu mu buryo. Uno musi ibintu ntivyari vyifashe neza na gato".

'Abakinyi ntibari bishimiye ubuhinga bwa Arteta'

Jermaine Jenas,yahoze akina hagati muri Tottenham no mu murwi nserukiragihugu w'Ubwongereza aranegura ubuhinga Arteta yakoresheje.

Ati: "Narorereye umurwi utari wizeye ubuhinga bwa Mikel Arteta".

"Vyaboneka ko abakinyi ba Arsenal batari bamerewe neza. Basa n'uko ata shaka bari bafise ryo gukina canke ryo kurondera umupira canke ryo kurondera kwinjiza ibitsindo".

"Ndiko ndibaza umubabaro abakunzi ba Arsenal bafise ubu".

"Ni kangahe tubona Arsenal batakaza imipira inyuma bagaca batsindwa? Ubu ibintu bisigaye biteye isoni".