Tanzania: Umusenyeri yari mu minwe y'igipolisi yagirizwa 'guhamagarira imigumuko' yarekuwe

Emmaus Mwamakula

Ahavuye isanamu, Emmaus Mwamakula/Facebook

Insiguro y'isanamu, Musenyeri Emmaus Mwamakula
Yatangajwe

Igipolisi mu gisagara ca Dar es Salaam cari cahagaritse Musenyeri Emmaus Mwamakula wo mw'ishengero rya Morovian kimwagiriza guhamagarira imyiyerekano mu gihugu.

Nk'uko bitangazwa n'umukuru w'igiporisi muri ico gisagara, Lazaro Mambosasa, Musenyeri Mwamakula yatumyeko iyo myiyerekano aciye ku mbuga hwaniro ata ruhusha yabanje gusaba mu gipolisi.

Musenyeri Emmaus Mwamakula azwi ko anegura bikomeye ubutegetsi bwa Perezida John Magufuli, ubu naho akaba yari yatunganije imyiyerekano yo gusaba ibwirizwashingiro rishasha hamwe n'umurwi mushasha ujejwe amatora.

Iyo myiyerekano yari itegekanijwe gutangura uno musi ku wa kabiri igenekerezo rya 16 z'ukwa kabiri.

Mambosasa yabwiye abanyamakuru ati:

"Twari tuzi ko uyu musenyeri wa Moravian asanzwe arongoye imitima yari gushikiriza ubutumwa biciye mu mategeko, ariko tumaze kubona ko Dr. Mwamakula ariko ahamagarira abantu kwiha amabarabara biyamiriza umurwi ujejwe gutegura amatora n'ibwirizwashingiro kandi akokeza imigumuko, vyabaye ngombwa ko tumuhagarika".

Mambosasa yavuze kandi ko uyo musenyeri yahagaritswe ku majambo yavuze kuko "yateye umudugararo mu banyagihugu biciye ku mbuga hwaniro".

Aciye ku mbuga hwaniro asanzwe akoresha, Musenyeri Mwamakula amaze igihe ahimiriza abanyagihugu kumufata mu mugongo mu "rugendo rwiwe mu ntumbero yo gusaba ko hashingwa umurwi mushasha ujejwe amatora hamwe n'ibwirizwashingiro rishasha".

Nk'uko uyu musenyeri abivuga, uru rugendo rw'amahoro rwotanguriye mu gisagara ca Dar es Salaam hanyuma rukabandanya gushika hagati mu gihugu.

Si bwo bwa mbere Musenyeri Emmaus Mwamakula yerekana aho ahagaze muri poritike. Mu matora aheruka yarashigikiye ku mugaragaro umugambwe utavuga rumwe n'ubutegetsi, ACT Wazalendo.

Muri iki gihe, yari yatangaje ko yari agiye kumara imisi umunani azunguruka igisagara cose ca Dar es Salaam mu rugendo rwo gusaba ko hashingwa umurwi mushasha ujejwe amatora hamwe n'ibwirizwashingiro rishasha.

Hagati aho, yagiye guhagarikwa hasigaye amasaha make ngo iyi myiyerekano yiwe itangure.

Igiporisi kimenyesha ko integuro ziwe zari ziteye kubiri n'amategeko, congera kigabisha uwo ari we wese yari kuyitabira.

Mu mwaka uheze, Tanzania yarakoze amatora yabayemwo impari aho abatavuga rumwe n'umugambwe uri ku butegetsi bavuga ko yabayemwo ubusuma, ivyo umurwi ujejwe gutegura amatora wamirira kure.