Donald Trump arindiriwe n'urubanza rw'icaha inyuma yo kwagirizwa ubugira kabiri

Ahavuye isanamu, Getty Images
Donald Trump arindiriwe n'urubanza mu nama nkenguzamateka kuva aho abereye umukuru wa mbere wa Amerika yagirijwe inyifato itabereye ku ncuro ya kabiri.
Prezida Trump agirizwa guhamagara igitero ku ngoro y'inama nshingamateka na nkenguzamateka ku ndwi ihese inyuma yo kuvuga kenshi ko amatora yabayemwo ubusuma. Abantu batanu barahaguye.
Urwo rubanza ruzoba ku wa gatatu umukuru w'igihugu yamaze kurangiza ikiringo ciwe.
Hamwe Trump yokwagirwa n'icaha,abakenguzamateka bashobora gutora ingingo imubuza burundu gusubira kugira amabanga y'igihugu.
Inama nshingamateka ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika yemeje ko Perezida Donald Trump abogozwa ku "caha co guteza imigumuko" ku ngoro y'amakoraniro Capitol.
Aba Repubulika cumi bifatanije n'abo mu mugambwe w'aba Democrats kugira babogoze umukuru w'igihugu ku majwi 232 bavyemeje, 197 nabo barabihakana.
Mu mateka ya Amerika, ni we mukuru w'igihugu wa mbere abogojwe incuro zibiri, canke yagirijwe ivyaha vy'agahomerabunwa n'inama nshingamateka.
Perezida Trump, umu Repubulika, agiye gushirwa imbere y'inama nkenguzamateka, mu gihe yomukubita intahe mu gahanga, ashobora no kubuzwa gusubira kuja mu mabanga y'igihugu.
Ariko afise amahirwe yo kudakurwa ku butegetsi imbere y'uko ikiringo ciwe kirangira kubera inama nkenguzamateka idashobora gukorana imbere y'ico gihe.
Perezida Trump azoshikiriza ubutegetsi ku wa 20 z'uku kwa mbere inyuma yo gutsindwa mu matora yo mu kwa cumi na rimwe n'umu Democrat Joe Biden.
Ejo ku wa gatatu, inama nshingamateka irwiriyemwo abo mu mugambwe w'abaharanira Demokarasi (Democrats) yaratoye inyuma y'impari zamaze amasaha atari make mu gihe ingabo z'igihugu zari zarikanuye hanze n'imbere mu ngoro ya Capitol.
Ikigo kijejwe igendereza FBI caramaze kugabisha ko hashobora kuba imyiyerekano irimwo n'ibirwanisho ku mugwa mukuru Washington DC n'imigwa mikuru y'amareta yose 50 ya Amerika imbere y'uko Biden arahira mu ndwi iza.
Mw'ireresi yasohoye inyuma y'aya matora y'inama nshingamateka, Perezida Trump yasavye abanywanyi biwe kubandanya batekanye, ariko ntiyafatiye kuri iri bogozwa ryiwe.
N'ijwi ridakeye kandi risa n'irinywanisha, yavuze ati: "Imigumuko n'ubwononyi nta kibanza bifise mu gihugu cacu... Nta munywanyi wanje yosubira gushikigika imigumuko".
Trump yagirijwe iki?
Yagirijwe n'inama nshingamateka ko yahamagariye igitero ku ngoro ya Capitol mw'ijambo yashikirije ku wa 06 z'uku kwa mbere, igihe abari mu myiyerekano bari bakoraniye imbere y'ibiro vy'umukuru w'igihugu, Maison Blanche/White House.
Yasavye abanywanyi biwe gushikiriza akababaro kabo "mu mahoro n'ugukunda igihugu", ariko "kurwanya n'inguvu zabo zose" ivyo yita ubusuma bwabaye mu matora,
Inyuma y'ijambo rya Trump, abanywanyi biwe baciye baja kuri Capitol, binjira ku nguvu, batuma abashingamateka n'abakenguzamateka bahagarika igikorwa co kwemeza ivyavuye mu matora baja kwinyegeza.
Iyo ngoro yaciye yugarwa igihe abajejwe umutekano bari bahanganye n'abo bari bagumutse, abantu batanu bakaba ari bo bahasize ubuzima.
Ingingo yo kumubogoza ivuga ko Trump "yagumye asubiramwo amajambo y'ibinyoma yemeza ko amatora yibwe, ko rero ivyayavuyemwo bitategerezwa kwemerwa".
Ivuga kandi ko yabandanije asubiramwo aya majambo hanyuma "avuga amajambo yo gukokeza n'ibigirankana, ivyavuyemwo ibikorwa biteye kubiri n'amategeko kuri Capitol", maze haduka akaguma kahitanye ubuzima bw'abantu.
"Perezida Trump yarahungabanije bikomeye umutekano wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika n'inzego zayo, abangamira intwaro rusangi, abangamira kandi n'ihanahana ry'ubutegetsi mu mahoro, yongera kandi atera uruhagarara mu gisata kimwe mu bigize reta".
Mu ndwi iheze, aba Repubulika 139 nibo bemeje ko ivyavuye mu matora yo mu 2020 bifutwa no guhakana ko Trump yatsinzwe.
Muri izo mpari havuzwe ibiki?
Abashingamateka bamwe bashikirije amajambo yo kumubogoza abandi nabo bamushigikira.
Umukuru w'inama nshingamateka Nancy Pelosi, umu Democrat, yavuze ati: "Umukuru wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika yarateje aka kaguma, n'intambara ku gihugu cacu dusangiye".
"Ategerezwa kugenda. Ni akaga ku gihugu cacu dukunda".
Umushingamateka w'umu Democrat Julian Castro yavuze ko Trump ari we "muntu mubi cane yahawe amabanga yo kurongora igihugu mu mateka y'igihugu".
Aba Repubulika hafi nka bose ntibashatse gushigikira ibivugwa na Trump, ahubwo barondeye kwerekana ko iri bogozwa ritisunze inzira ryategerezwa gufata, basaba aba Democrats kubiheba ku nyungu z'ubumwe bw'igihugu.
Kevin McCarthy, arongoye abashingamateka b'aba Repubulika muri iyo nama yavuze ati: "kubogoza umukuru w'igihugu mu kanya gato nk'aka ni amakosa".
"Gusa ibi si ukuvuga ko umukuru w'igihugu ata makosa afise. Umukuru w'igihugu niwe yateje igitero co ku wa gatatu ku ngoro cakozwe n'abari mu migumuko".
Jim Jordan, umu Repubulika wo muri Ohio, yagirije aba Democrats gucanishamwo igihugu mu kurondera kwihora.
Hakurikira iki?
Inama nkenguzamateka izosasa mu rubanza rwo gushinga niba Trump yarakoze icaha ariko ibi ntibizoba mu kiringo Trump asigaje ku butegetsi.
Umukuru w'aba Republicain mu nama nkenguzamateka Mitch McConnell yavuze ko ''ata mahirwe yahabaye ko haba urubanza nyarwo ''bivanye n'amategeko,inzira bicamwo na kahise ko mu nama nkenguzamateka'' bigenga imanza zirimwo abakuru b'igihugu.
Hakenewe bibiri vya bitatu kugira ngo bemeze burundu ko Trump yirukanwa, ibi bikavuga ko n'imiburiburi aba Repubulika 17 ari bo bakeneye kwifatanya n'aba Democrats kugira ngo bamwomore.
Abakenguzamateka b'aba Repubulika bashika 20 nibo bashigikiye ko Trump abogozwa, nk'uko ikinyamakuru New York Times cavyanditse ku wa kabiri.
Mu gihe inama nkenguzamateka yomukubita intahe mu gahanga, abashingamateka n'abakenguzamateka boca basubira bagakora amatora yo kumubuza gusubira kwitoza - bikaba bizwi ko yamaze gutangaza ko ashobora kwitoza mu 2024.
Amahirwe Trump afise ni uko inama nkenguzamateka ititeze gukorana mu kiringo c'indwi imwe asigaje ku butegetsi.
Nta mukuru w'igihugu wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika arigera yirukanwa ku butegetsi biciye muri iyo nzira.
Mu 2019, inama nshingamateka yaremeje ingingo yo kubogoza Trump kuvyo yagirijwe yakoranye na Ukraine mu buryo buteye kubiri n'amategeko, ariko inama nkenguzamateka iramweza.
Niko vyagenze kuri Perezida Bill Clinton mu 1998 hamwe na Andrew Johnson mu 1868.









