Amatora Uganda 2021: Abapolisi barashirwa hejuru ku mazu

Ahavuye isanamu, Getty Images
Igipolisi muri Uganda kivuga ko kiza gushira abapolisi ku mazu maremare ku murwa mukuru Kampala, nk'ingingo y'umutekano ku munsi w'amatora.
Iyi minsi iheze y'imbere y'ano matora yaranzwe n'uruhagarara hamwe n'akaguma kaguyemwo abantu.
Umwihwezo w'amasanamu yafashwe na kamera z'umutekano (CCTV) mu myiyerekano yo mu kwezi kwa cumi na rimwe, yakurikiye ifatwa ry'umukandida mu matora ya Prezida, Bobi Wine, yerekanye ko abaha amabwiriza abari mu myiyerekano bari hejuru y'amazu.
Ivyo vyagaragaye mu rwandiko igipolisi co ku murwa mukuru Kampala casohoye.
Kuwa mbere, umugabo yari hejuru ku nyubako y'isoko rya kijambere yarashe uwujejwe umutekano yariko arakizura akoresheje umwampi n'umuheto, nk'uko urwo rwandiko rubandanya rubivuga.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Uwo mugabo mu nyuma yaciye araswa apfira kwa muganga kubera ibikomere.
Abafise ibikorwa vy'ubudandaji muri ayo mazu baremeye ko abo bapolisi bashirwa hejuru kuri ayo mazu, nk'uko igipolisi kibivuga.
Mu ntango z'ino ndwi, abajejwe umutekano baremeye ko bazokwongera umutekano mu bice bifatwa nk'ibishobora kuberamwo ubugizi bwa nabi.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ibiduga bitamenwa n'amasasu hamwe n'abajejwe umutekano bagenda n'amaguru baragaragaye bakizura amabarabara ya Kampala muri ino minsi.
Prezida Yoweri Museveni arondera kurongora igihugu ikiringo kigira gatandatu nyuma y'imyaka 35 ari ku butegetsi.
Uwo mukambwe w'imyaka 76 ahiganwa n'abandi bakandida 10, barimwo uwuzwi cane w'imyaka 38, umunyamuziki yahindutse umunyapolitike Robert Kyagulanyi, azwi cane nka Bobi Wine.









