Ubumwe bw'igihugu vya Buraya bwiteguye kunagura ubucuti n'Uburundi

Yatangajwe

Ishirahamwe ry'Ubumwe bw'ibihugu vya Buraya mu Burundi rivuga ko ryiteguye kunagura vuba bwango imigenderanire hagati y'Uburundi na ryo.

Biri mu butumwa bwo kwipfuriza umwaka mushasha Abarundi bwarungitswe n'abaserukira ibihugu bigize iri shirahamwe mu Burundi.

Muri ubu butumwa, abaserukira ibihugu bigize iri shirahamwe bavuga ko bashima ingene abategetsi b'Uburundi bagenda bafata ingingo zo gusubira "kunagura imigenderanire n'ishirahamwe ry'ubumwe bw'ibihugu vya Buraya" igihe cose habonetse akaryo.

Kuva Uburundi bwinjiye mu ndyane za poritike mu 2015, imigenderanire hagati y'izi mpande zompi yaratitutse, buri ruhande rwagiriza urundi kuba inkomoko y'izi ndyane.

Mw'iryo tangazo, abaserukira ibihugu bigize iryo shirahamwe rya Buraya mu Burundi barashima ko imigenderanire hagati y'Uburundi n'ishirahamwe ry'ibihugu bivuga ururimi rw'igifaransa yasubiye ku murongo.

Barashima kandi kubona Uburundi ubu butakiri ku rutonde rw'ibihugu biboneka ko biteye ibibazo Afrika bisanzwe bikurikiranirwa hagufi n'urwego rwa ONU rujejwe umutekano.

Abaserukira ibi bihugu bavuga ko bafise ku muzirikanyi imigambi yihutirwa ya Perezida Evariste Ndayishimiye n'utwigoro twiwe "cane cane utwo yerekanye mu gihe c'imisi mikuru irangiza umwaka".

Bati: "Abaserukira ibi bihugu bagaragaza ko icuka ciza cagarutse, ukwubahana ku mpande zompi, ibiganiro vya politike…bigiye kugaragarira vuba bwango mu kunagura imigenderanire buhoro buhoro gushika bashitse ku migenderamire isanzwe hagati yUburundi n'Ubumwe bw'igihugu vya Buraya".

Kuva umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye ashikirijwe amabanga yo kurongora Uburundi, yaratangaje ko yipfuza kunagura imigenderanire hagati y'Uburundi n'amashirahamwe mpuzamakungu, hamwe n'ibindi bihugu, imigenderanire irangwa n'ukwubahana hagati y'impande zompi.

Ku wa 07 z'ukwa cumi na kabiri, Perezida Ndayishimiye yarakiriye mu biro iwe uwuserukira umuryango w'ubumwe bw'ibihugu vya Buraya aherekejwe n'abaserukira ibihugu biri muri uwo muryango bifise ivyicaro i Bujumbura, icabonetse nk'intambwe ya mbere ikomeye yo kunagura imigenderanire hagati y'izi mpande zompi yari yaratitutse kuva mu 2015.

Uwu mubonano wakurikiye urwandiko rwasohowe ku wa 05 z'ukwa cumi na kabiri n'Inama nkuru ijejwe umutekano mw'ishirahamwe mpuzamakungu ONU isaba umunyamabanga mukuru wa ONU gukura Uburundi ku rutonde rw'ibihugu bitegerezwa kwigwako mu buryo bwihariye.

Iyi Nama yashima intambwe imaze gushikwako na reta y'Uburundi mu bijanye n'umutekano, ukurwanya ukudahana no mu bisata bitandukanye, n'aho yavuga ko hakiri vyinshi bigikenewe mu bijanye no kunywanisha abarundi, ubutungane, intwaro rusangi hamwe no kwubahiriza uburenganzira bwa kiremwa muntu.

Imbere y'aho, hari utwigoro twakozwe n'Uburundi hamwe n'u Rwanda, igihugu kibanyi kitacana uwaka n'Uburundi kuva 2015, two kunagura imigenderanire hagati y'ibi bihugu biciye mu mibonano yabaye hagati y'abasirikare bashinzwe igendereza mu ngabo z'impande zompi, hamwe n'abashikiranganji b'imigenderanire b'ibi bihugu.