Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
UN / ONU : Inama nkuru ijejwe umutekano isaba ihagarikwa ry’ivyegeranyo vyihariye ku Burundi
Inama nkuru ijejwe umutekano mw'ishirahamwe mpuzamakungu ONU isaba umunyamabanga mukuru wa ONU gukura Uburundi ku rutonde rw'ibihugu bitegerezwa kwigwako mu buryo bwihariye.
Mw'itangazo yasohoye, iyi Nama irashima intambwe imaze gushikwako na reta y'Uburundi mu bijanye n'umutekano, ukurwanya ukudahana no mu bisata bitandukanye, ariko ikavuga ko hakiri vyinshi bigikenewe mu bijanye no kunywanisha abarundi, ubutungane, intwaro rusangi hamwe no kwubahiriza uburenganzira bwa kiremwa muntu.
Irerekana kandi impungenge ifise ku bijanye n'ihohoterwa ry'uburenganzira bwa muntu, igasaba reta y'Uburundi gukorana n'ishirahamwe ONU kugira ngo itorere umuti ibi bibazo.
Uburundi bwarinjiye mu ndyane za politike mu 2015 ziturutse ku ngingo ya Nyakwigendera Perezida Petero Nkurunziza yo gusubira kwitoreza ikindi kiringo, abamurwanya bavuga ko cari giteye kubiri n'ibwirizwa shingiro, ariko ubutungane bw'akarere bukaba bwavuze ko itari iteye kubiri n'itegeko na rimwe.
Mw'iryo tangazo, umukuru w'inama nkuru ya ONU ijejwe umutekano, arashima intambwe reta irongowe na Perezida Evariste Ndayishimiye imaze gushikako mu bisata bitandukanye, ndetse no mu bijanye n'ibikorwa nyamukuru yashize imbere igihe ahikiriza reta yiwe.
Hagati aho, avuga ko hari ibikorwa vy'ihonyangwa ry'agateka ka zina muntu bibandanya guhagarika umutima, agasaba reta kubihagarika kandi igashengeza ababikora.
Inama nkuru ya ONU ijejwe umutekano iragaruka ku masezerano y'amahoro ya Arusha yateweko igikumu n'abanyeporitike ku wa 28 z'ukwa munani 2000, igasaba ko yubahiriwa.
Mw'iryo tangazo ryayo ivuga iti: "Inama nkuru ijejwe umutekano kw'isi isaba ishirahamwe ONU, Umuryango w'ubumwe bwa Afrika, Umuryango w'ibihugu vya Afrika y'Ubuseruko, Inama mpuzamakungu ku karere k'ibiyaga binini (CIRGL/ICGLR) hamwe n'abo bose bafise uruhara mu masezerano ya Arusha gushira hamwe inguvu zabo bagafasha impande zose gushira mu ngiro amasezerano ya Arusha, yafashije gutsimbataza amahoro mu Burundi".
Abanyepolitike batavuga rumwe n'ubutegetsi babona ko reta ya CNDD-FDD yahonyanze aya masezerano.
Iyi nama irasaba umunyamabanga mukuru wa ONU kwihweza gushasha ingingo yo kwama ishikiriza raporo y'ingene ibintu vyifashe mu Burundi uko amezi atatu aheze, ingingo yari yafashwe mu 2017 inyuma y'aho igihugu cinjiriye mu ndyane za politike mu 2015.
Iti: "Inama isaba umunyamabanga mukuru guhagarika ivyegeranyo vya buri gihe ku kibazo c'Uburundi kandi ikipfuza ko Uburundi bwoza buraza mu vyegeranyo bisanzwe ku karere k'ibiyaga binini no kuri Afrika yo hagati".
Muri Reta y'Uburundi, ni umunezero udasanzwe kuri iri jambo ryashikirijwe n'umukuru w'Inama ya ONU ijejwe umutekano, ku bijanye no gusaba ko Uburundi bwokurwa kuri urwo rutonde.
Umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye yanditse ku rubuga rwiwe rwa Twitter ati: "Ndashimiye Inama Nkuru ya ONU ijejwe umutekano kubona yakirije yompi akamo nayiteye mu Nama ya bose.
Kubwiwe, gukura Uburundi ku rutonde rwa ONU bifasha iki gihugu, incuti n'abagenzi kwitaho iterambere n'imibereho myiza y'abenegihugu.
Eka n'umushikiranganji w'imigenderanire y'Uburundi n'ayandi makungu arashima aka kamo katewe n'iyi Nama ya ONU ijejwe umutekano.
Albert Shingiro, ari nawe yahoze aserukira Uburundi muri ONU igihe iyi ngingo ifatwa, ashimira ibihugu avuga ko vyaterereye.