Uganda: Bobi Wine yitoza mu kibanza ca prezida yahagaritswe igipolisi kirabihakana

Robert Kyagulanyi azwi kw'izina rya Bobi Wine

Ahavuye isanamu, BOBI WINE

Insiguro y'isanamu, Bobi Wine abonwa nk'umuntu w'igihagararo ahanganye na prezida Yoweri Museveni ariko ararondera gusubira kwitoza inyuma y'imyaka 35 amaze ku butegetsi.
Yatangajwe

Uwitoreza kuba prezida atavuga rumwe na reta muri Uganda, Robert Kyagulanyi, azwi kw'izina rya Bobi Wine, avuga ko yahagaritswe ari kumwe n'abamufasha mu kwiyamamazo.

Ku rubuga rwa Twitter, igipolisi ca Uganda canditse ko yabujijwe kubandanya imyiyamamazo atahanwa muhira iwe kubera yariko ararenga ku mategeko yo kwirinda coronavirus.

"Dusahaka kumenyesha ko uwitoza mu kibanza ca prezida yahagaritswe kubera yagumye akoranya abantu benshi mu gihe ikiza coronavirus kitugeramiye , atitaye ku mategeko y'akanama kajejwe gutegura amatora n'ubushikiranganji bw'amagara y'abantu.

"Yatahanywe ku muhana iwe i Magere, ku mugwa mukuru Kampala."

Bobi Wine abonwa nk'umuntu w'igihagararo ahanganye na prezida Yoweri Museveni ariko ararondera gusubira kwitoza inyuma y'imyaka 35 amaze ku butegetsi.

Abantu hafi 50 barishwe mu kwezi kwa cumi na rimwe, bivuye ku myiyerekano yadutse inyuma y'ipfungwa rya Bobi Wine yagirizwa kurenga ku mategeko yo kwirinda coronavirus.

Umumenyeshamakuru yariko arakurikira abari muri iyo myiyamamazo yabwiye BBC ko abajejwe umutekano banafashe abamenyeshamakuru bo ku mbuga ngurukanabumenyi.

Video zashizwe ku mbuga ngurukanabumenyi zerekanye abapolisi benshi n'igisirikare kuri iryo zinga.

Ku musi w'Imana, umumenyeshamakuru akorana n'igisata ca Bobi Wine kijejwe kumenyekanisha amakuru yarakomerekeye mu mishamirano yabaye hagati y'igipolisi n'abamushigikiye I Masaka, hafi ya Kampala, ubu akaba akiri mu bitaro.

Kuri uwo musi nyene, bivugwa ko imodoka ya gisirikare yagonze yongera yica umwe mu bacungera umutekano w'uwo munye politike akaba n'umuririmvyi.

Ku musi wa mbere, I Kampala, abamenyeshamakuru baranse gukurikirana ikiganiro cari kibagenewe cari catunganijwe n'igisirikare, mu kwiyamiriza ingene bafatwa, na cane cane ababa bakurikiye abatavuga rumwe na reta.

Akanama kajejwe gutegura amatora karabujije imyiyamamazo ku mugwa mukuru Kampala no mu bindi bisagara bihegereye, kishimikije ingingo zo kugwanya coronavirus.