Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
China ibaye igihugu kigize kabiri gishinze ibendera ku kwezi
Ubushinwa bwashinze ibendera ryabwo ku kwezi, hari haciye imyaka 50 Leta Zunze Ubumwe za Amerika zirishinzeyo ubwa mbere.
Amasanamu yatanzwe n'ikigo c'Ubushinwa kijejwe ibirere (National Space Administration) yerekana iri bendera ritukura ry'inyenyeri zitanu ririko rirahungabana ku kwezi.
Aya masanamu yafashwe na kamera y'ikigendajuru Chang'e-5 imbere y'uko kiva ku kwezi ku wa kane gitwaye amabuye gikuye ku kwezi.
Abashinwa bari bamaze gushikayo ku ncuro zibiri zose nta na bamwe bari bwigere bashobora kurishingayo.
Amerika niyo yatanguye gushinga ibendera ku kwezi igihe ikigendajuru Apollo 11 cashikayo mu 1969. Kuva ico gihe, ayandi mabendera atanu niyo yashinzweyo mu kiringo c'imyaka itatu gusa, ni ukuvuga gushika mu 1972.
Mu 2012 ikigo kijejwe ibirere co muri Amerika, Nasa, cerekanye amasanamu kigaragaza ko rimwe muri ayo mabendera atanu ya Amerika rigihungabana, ariko abahinga basubiwemwo n'ibinyamakuru bavuga ko risa n'iryacuye kubera imishwarara y'izuba.
Ubushinwa buvuga iki kuri uru rugendo rwo ku kwezi?
Ikinyamakuru ca reta Global Times kivuga ko ibendera ry'Ubushinwa ku kwezi ryibutsa "umunezero udasanzwe" waranze Abanyamerika bakoze izi ngendo muri Apollo.
Iri bendera ry'Ubushinwa rifise ubwaguke bw'imetero zibiri n'uburebure bwa sentimetero 90, ariko rikaba ripima hafi kirogaramu imwe (1kg). Uwuhagarariye ibi bikorwa, Li Yunfeng, yabwiye ikinyamakuru Global Times ko iri bendera ryasizwe ibintu bikenewe kugira rishobore kurinda imbeho.
Cheng Chang ahagarariye uwo mugambi avuga ko "ibendera risanzwe ritoshobora kurinda imbeho yo ku kwezi".
Uru rugendo rw'ikigendajuru Chang'e-5 ku kwezi rubaye urwa gatatu rw'Ubushinwa rugenze neza mu kiringo c'imyaka indwi.