China ibaye igihugu kigize kabiri gishinze ibendera ku kwezi

Ibendera ry'Ubushinwa ku kwezi

Ahavuye isanamu, CNSA/CLEP

Yatangajwe

Ubushinwa bwashinze ibendera ryabwo ku kwezi, hari haciye imyaka 50 Leta Zunze Ubumwe za Amerika zirishinzeyo ubwa mbere.

Amasanamu yatanzwe n'ikigo c'Ubushinwa kijejwe ibirere (National Space Administration) yerekana iri bendera ritukura ry'inyenyeri zitanu ririko rirahungabana ku kwezi.

Aya masanamu yafashwe na kamera y'ikigendajuru Chang'e-5 imbere y'uko kiva ku kwezi ku wa kane gitwaye amabuye gikuye ku kwezi.

Abashinwa bari bamaze gushikayo ku ncuro zibiri zose nta na bamwe bari bwigere bashobora kurishingayo.

Amerika niyo yatanguye gushinga ibendera ku kwezi igihe ikigendajuru Apollo 11 cashikayo mu 1969. Kuva ico gihe, ayandi mabendera atanu niyo yashinzweyo mu kiringo c'imyaka itatu gusa, ni ukuvuga gushika mu 1972.

Mu 2012 ikigo kijejwe ibirere co muri Amerika, Nasa, cerekanye amasanamu kigaragaza ko rimwe muri ayo mabendera atanu ya Amerika rigihungabana, ariko abahinga basubiwemwo n'ibinyamakuru bavuga ko risa n'iryacuye kubera imishwarara y'izuba.

Ubushinwa buvuga iki kuri uru rugendo rwo ku kwezi?

Ikinyamakuru ca reta Global Times kivuga ko ibendera ry'Ubushinwa ku kwezi ryibutsa "umunezero udasanzwe" waranze Abanyamerika bakoze izi ngendo muri Apollo.

Ibendera ry'Ubushinwa ku kwezi

Ahavuye isanamu, CNSA/CLEP

Insiguro y'isanamu, Ikigendajuru Chang'e-5 cashitse ku kwezi cururukira mu buraruko bushira uburengero bwako. Iri bendera ry'Ubushinwa ni iryo riri i buryo

Iri bendera ry'Ubushinwa rifise ubwaguke bw'imetero zibiri n'uburebure bwa sentimetero 90, ariko rikaba ripima hafi kirogaramu imwe (1kg). Uwuhagarariye ibi bikorwa, Li Yunfeng, yabwiye ikinyamakuru Global Times ko iri bendera ryasizwe ibintu bikenewe kugira rishobore kurinda imbeho.

Cheng Chang ahagarariye uwo mugambi avuga ko "ibendera risanzwe ritoshobora kurinda imbeho yo ku kwezi".

Umuhinga w'ikirere wa Amerika Buzz Aldrin ari iruhande y'ibendera rya mbere rya Amerika ryashinzwe ku Kwezi mu 1969

Ahavuye isanamu, NASA

Insiguro y'isanamu, Umuhinga w'ikirere wa Amerika Buzz Aldrin ari iruhande y'ibendera rya mbere rya Amerika ryashinzwe ku Kwezi mu 1969
James Irwin ariko aramutsa ibendera ku kwezi mu 1971

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Ayandi mabendera ya Amerika yarashoboye gushingwa ku kwezi, uyu ni umuhinga w'ikirere wa Amerika, James Irwin ariko aramutsa ibendera ku kwezi mu 1971

Uru rugendo rw'ikigendajuru Chang'e-5 ku kwezi rubaye urwa gatatu rw'Ubushinwa rugenze neza mu kiringo c'imyaka indwi.