Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Burundi: Motard n'abo atwaye bazoza bahanwa bose
Igipolisi mu Burundi kimenyesha ko kigiye gukurikirana abamotari batwara moto batambaye inkofero zo kwirinda (casque) n'abatwara abantu barenze umwe, bose bakazoza bahanwa co kimwe.
Mu kwiyunguruza mu bisagara vyo mu gihugu, haribonekeza kenshi abatwara moto batambaye 'casque', eka n'abazicayeko ari batatu, bigashira ubuzima bwa benshi mu ngorane.
Emile Manisha ajejwe isuzuma n'inyigisho zijanye no kugendesha ivyuma mu mabarabara yabwiye BBC ko ivyo babwiye abamotari kuri uyu wa kane kwari nko kubakebura.
Manisha agira ati: "Turabibona mu mabarabara ko babirengako, kandi iyo baguye hasi biratwara ubuzima bw'abantu benshi, n'abo bamotari nyene barimwo.
"Guheka abantu batatu hoho ni 'risque' ikomeye kuko baguye na 'assurance' ntibariha."
Jadot Nzisunga arongoye urunani rw'amashirahamwe y'abatwara ingenzi kuri moto mu Burundi, Amotabu, yabwiye BBC ko gutwara abantu muri ubwo buryo bibandanya kwibonekeza.
Avuga ati: "Natwe turahimiriza abo dusanzwe turongoye kwubahiriza amategeko kuko ivyo igipolisi kivuga turabishigikiye cane".
Nzisunga amenyesha kandi ko abamotari bakwiye kubona ko "usivye ibihano vy'igipolisi hariho ingorane nyinshi mu gutwara ingenzi zibiri kw'imoto kuko moto igira ubwishingizi bw'ingenzi imwe."
Emile Manisha avuga ko ibihano bigiye kurushaho kubahirizwa ari ibisanzwe bitegekanyijwe n'amategeko, birimwo amande y'amahera.
Nta biharuro bishasha biheruka gutangazwa vy'abantu bicwa n'impanuka kubera moto mu mabarabara, gusa kenshi mu bisagara amasanganya y'amamoto aribonekeza, eka no gukoresha moto mu bugizi bwa nabi.