ONU ivuga ko ubwicanyi hagati y'aba Hema n'aba Lendu bwahitanye 700 muri Ituri

Abagabo babiri b'impunzi muri Uganda mu bitaro vya Rwenyawawa mu 2018, bahunze intambara hagati y'aba Hema n'aba Lendu muri Ituri

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Amajana y'abantu baramaze gukomerekera mu ntambara hagati y'aba Lendu n'aba Hema muri Ituri
Yatangajwe

Ishirahamwe mpunzamakungu ONU ritangaza ko abantu amajana baguye mw'itana mu mitwe hagati y'amako y'aba Lendu n'aba Hema bo muri Ituri muri Kivu ya ruguru muri Republika ya Demokrasi ya Kongo.

Mu cegeranyo, ONU ivuga ko ubwo bwicanyi bushobora no gufatwa ku rugero rw'icaha co gusinzikaza ubuzimwa bwa kiremwa muntu (crime contre l'humanite).

Abajejwe amatohoza mw'ishirahamwe ONU bihweje ivyabaye mu ntara ya Ituri hagati y'ukwezi kwa nyuma kw'umwaka wa 2017 n'ukwezi kw'icenda kwa 2019.

Abo bajejwe amatohoza basanze abantu batari munsi y'amajana indwi barishwe, abandi baharurwa mu majana barakomereka canke bafatwa ku nguvu.

Ibitero vyagabwe biboneka ko vyateguwe kandi vyitondewe, bikorerwa ica rimwe, vyaranzwe n'ubunyamaswa, aho abenshi mu batewe batemaguwe ibihimba vy'imibiri, abandi nabo ivyo bihimba biracibwa burundu.

Uwahitanywe n'ubwicanyi mu ntambara y'aba Lendu n'aba Hema agire apfubwe mu 2003

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, ONU ivuga ko abashika 700 bamaze gusiga agatwe mu ndyane hagati y'amoko y'aba Hema n'aba Lendu muri Ituri mu myaka ibiri iheze

Amazu, amashure n'amavuriro vyaribwe urukombamazi.

Ku bw'ico cegeranyo, ahanini ubwo bubisha bwakozwe n'abo mu bwoko bw' aba Lendu, mu ntumbero yo gutuza aba Hema kugirango ntibasubire kugaruka mu karere kabo.

Aba Hema n'aba Lendu baramaze kurwana incuro nyinshi bapfa amatogo n'ubundi butunzi kama, kuva mu myaka mirongo ibiri ishize.

Abaharurwa mu bihumbi barahungiye muri Uganda kubera izo ntambara.

Abasirikare ba ONU muri Ituri mu 2018

Ahavuye isanamu, ALEX MCBRIDE

Insiguro y'isanamu, Abateguye icegeranyo ca ONU basaba ko abasirikare bahagarariye amaho boba hafi ya Ituri kugira batabare imirwano yadutse

Icegeranyo ca ONU gisaba abategetsi ba Kongo gutorera umuti ayo matati y'amatongo yateye izo ndyane.

Kiyisaba kandi gufasha abahunze kugaruka mu gihugu, kandi igakora amatohoza kuri ubwo bwicanyi ababukoze bagakurikiranwa mu butungane.

Ico cegeranyo kandi gisaba ingabo za ONU ziri muri ico gihugu kwegera intara ya Ituri kugira ubwo bwicanyi ntibubandanye bwiyongera.