Prezida wa Uganda yatanguye urugendo rw'iminsi itandatu mw'ishamba

Yoweri Museveni

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Yoweri Museveni, agaragara kuri iyi foto ari mu rundi rugendo mu kwezi guheze, azogenda ishamba iminsi itandatu
Yatangajwe

Umukuru w'igihugu ca Uganda Yoweri Museveni yatanguye urugendo rw'iminsi itandatu aca mw'ishamba, akazogenda ibirometero 195.

Ariko arasubiramwo urugendo yagenze we n'abasirikare biwe mu 1986, igihe yafata ubutegetsi abwaka Idi Amin na Milton Obote.

Abatamushima biyamirije urwo rugendo bavuga ko uri urwo kwiyerekana mu gihe Uganda izobamwo amatora mu mwaka uza, aho vyitezwe ko Museveni azokwitoza ku nshuro ya gatandatu.

Azoba ahiganwa n'uwahoze ari icamamare mu muziki, Bobi Wine, yiyita intwari y'abanyagihugu bakenye.

Bwana Museveni azohereza urugendo mu muji wa Biremo, ahabereye imwe mu mirwano ikomeye hagati y'abarwanyi ba Bwana Museveni hamwe n'abasirikare b'uwari Prezida ico gihe, Obote, itariki 10 z'ukwa mbere.

Umukuru mu bajejwe kumenyesha amakuru mu biro vya Bwana Museveni, Don Wanyama, yabariye ibiro ntaramakuru AFP ati: "Uru ni urugendo umukuru w'igihugu azorongora, urugendo muri kahise kugira dushime aho tugeze.

"Uru rugendo ruzomara indwi baca mw'ishamba, inzira abiswe ko baboboye igihugu barongowe na Museveni, baciyemwo,"

Bwana Museveni, w'imyaka 75, ni umwe mu bakuru b'ibihugu vya Afrika barambiye ku butegetsi.

Bwana Wine - mu bisanzwe yitwa Robert Kyagulanyi - yabariye AFP ko urwo rugendo rw'umukuru w'igihugu ari "gusesagura".

"Ico nohanura ni uko, hako yokoresha amahera y'abanyagihugu mu rugendo nk'urwo, Museveni yari akwiye kumenya ko hageze ko arekura ubutegetsi"

Bwana Wine yongeyeko ati "Umwanya wo guhuma amaso abanyagihugu bato bato waraheze."