Zuma agiye gusohora albumu y'indirimbo z'igihe co kwibohora

Jacob Zuma ari imbere y'amajana y'abamushigikiye aririmba mu gikorane ca politike itariki 9/04/2014

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Indirimbo Jacob Zuma azwiko cane ni iyerekeye kurwanya intwaro karyanisha miryango, apartheid, yitwa Umshini Wami, bisigura "Mpereza Inkoho yanje ya Muzinga"
Yatangajwe
Igihe co gusoma: iminota 2

Uwahora atwara Afrika Yepfo yaguye mu zindi ndyane za politike inyuma yaho apfundikiye amasezerano atari yitezwe yo gusohora indirimbo z'igihe Afrika Yepfo yariko yikura ku ntwaro ya karyanisha miryango.

Komine ya eThekwini yemeye gutanga uburyo bwo gusohora albumu y'indirimbo aririmba zo kwiyamiriza intwaro karyanisha miryango, abategetsi bakavuga ko ari uburyo bwo kubungabunga imirage ndangamuco.

Ariko umugambwe utavuga rumwe n'ubutegetsi, "Democratic Alliance" (DA) wavuze ko ari ugusesagura amahera.

Bwana Zuma arakunda kuririmba mu myiyamamazo indirimbo bamuziko cane, "Bring Me My Machine Gun" (Nzanira inkoho yanje).

Komine ya eThekwini irimwo igisagara ca Durban hamwe n'ibisagara biyikikuje biri muri KwaZulu-Natal, intara Bwana Zuma avukamwo, igwiriyemwo abayoboke biwe.

Uwutwara umugambwe DA muri ako karere, Zwakele Mncwango yavuze ko leta yarikwiye ahubwo gufasha urwaruka rwipfuza gukorera mu vy'uburirimvyi.

Ikinyamakuru eNCA kimusubiramwo ngo yagize ati: "Turashigikiye uguteza imbere imirage ndangamuco. Ikibazo nuko dusanga ubutegetsi buriko buronona amahera ku wahora atwara igihugu yigeragereza amahirwe yiwe amahirwe mu vy'umuzika, kandi hari abahinga mu vy'umuziki bakeneye gushigikigwa."

Umujenama wo mu mugambwe DA, Nicole Graham yavuze ko umugambwe wiwe uzokoresha amenyo n'inzara mu kugwanya uwo mugambi, yongera ati: "Ntibishoboka ko umuntu yiyumvira neza yo kwemera ko uwo mugabo yigeze kurongora igihugu azwiko ibiturire, hari ikintu yokwungura abanyagihugu ba eThekwini mu kuririmba indirimbo za ANC zo kwibohora."

Bwana Zuma ageze ku myaka 76, yakuwe ku butegetsi n'umugambwe wiwe "African National Congress" (ANC) mu kwezi kwa Kabiri mu 2018.

Aregwa ivyaha vyinshi bishingiye ku biturire no kunyuruza itunga ry'igihugu, mu masezerano yo kugura ibigwanisho yagizemwo uruhara mu 1990.

Avuga ko ata kabi ariko.

'Arabifitiye impano kandi arategera amateka'

Igihe co kugwanya intwaro y'inkehwa z'abazungu muri Afrika Yepfo, indirimbo zari zifise uruhara runini mu gutuma abantu bashigikira iyo ngwano, no gutuma abantu baguma bahagaze magabo.

Uwujejwe imico, Thembinkosi Ngcobo, yavuze ko ico gisata casavye gukoresha Bwana Zuma mw'izo ndirimbo, mu gihe cabuze ururimbo na rumwe rw'ico gihe co kwibohora.

Tambuka YouTube ubutumwa
Uremeye ibiri kuri Google YouTube?

Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na Google YouTube. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha Google YouTube amategeko agenga cookie n'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.

Uragaba: Ibitangwa n'izindi mbuga bishobora kubamwo gutangaza

Impera ya YouTube ubutumwa

Yavuze ati: "Twararondeye abacuraranzi ngo tugarure izo ndirimbo. Biratugora cane."

"Twararondeye mu nyubakwa yegeranijwemwo ivya kahise turondera ko tworonka videwo canke indirimbo z'amajwi. Ariko nta kintu na kimwe twahasanze."

Hageze ico gihe, baciye bibuka ko Bwana Zuma yakunda kuririmba izo ndirimbo.

Bwana Ngcobo yagize ati: "Arabifitiye impano kandi arategera amateka n'akarangamutima kari muri izo ndirimbo."

"Yararirimvye izo ndirimbo mu myaka ya 80 na 90, n'imbere yaho. Abakiri bato muri ANC ntazo bazi."

Tambuka X ubutumwa
Uremeye ibiri kuri X?

Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookie n'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.

Uragaba: Ibitangwa n'izindi mbuga bishobora kubamwo gutangaza

Impera ya X ubutumwa

Mu kwezi kwa 12, sentare ya Afrika Yepfo yafashe ingingo ko Bwana Zuma ategerezwa kuriha amahera ya leta yakoresheje aburana, akurikiranwa ku vyaha vy'ibiturire imyaka irenga cumi.

Ugereranije igihugu ngo coba carishe hagati y'umuliyoni n'imiliyoni zibiri z'amadolari, mu bikorwa vy'abamwunganira mu manza.