Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Macron aragirisha inama amashirahamwe y'abakozi n'abakoresha ku myiyerekano y'abambaye amakoti y'umuhondo
Bitegekanijwe ko prezida w'Ubufaransa Emmanuel Macron akoresha inama amashirahamwe y'abakoze n'abakoresha mu ntumbero yo gusukamwo mabisi mu myiyerekano imaze imisi i Paris no mu bindi bisagara.
Inama yo ku wa mbere ibaye imbere y'ijambo ryo ku mboneshakure aho vyitezwe ko aza gushikiriza ingingo zafashwe zotuma imyiyerekano ihagarara.
Ubufaransa bumaze indwi zine z'imyiyerekano yaranzwemwo imidurumbanyo yo kwiyamiriza amakori y'igitoro yaduze, ubuzima buzimvye hamwe n'ibindi bibazo.
Mu bantu 136.000 biyise "abambaye amakoti y'umuhondo" bihereje amabarabara ku wa gatandatu, abarenga 1.200 barahagaritswe.
Ku mugwa mukuru i Paris ni habaye imyiyerekano ikomeye cane, aho hamenaguwe amadirisha, amamodoka araturirwa, amaduka arasahugwa igihe abantu 10.000 bihereza amabarabara.
Umushikiranganji w'ikigega ca reta Bruno Le Maire yavuze ko uko ibintu vyifashe "bigeramiye ubudandaji" hamwe n'ubutunzi."
Abagira imyiyerekano bamaze imisi bazibira amabarabara mu gihugu cose muri izi ndwi zine ziheze.