Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umugwizatunga w'umutanzaniya yanyurujwe Mohammed Dewji yagarutse ari muzima
Umugwizatunga yari yanyurujwe Mohamed Dewji yarekuwe inyuma y'iminsi cumi afashwe n'abantu bitwaje ibigwanisho mu muji wa Dar Es Salaam, akaba yashitse ari muzima.
"Nagarutse muhira amahoro," niko yavuze mu butumwa yacishije kuri Twitter ya sosiyete yiwe METL.
Uwo mugwizatunga azwi cane ku zina rya Mo, yashimiye igipolisi ca Tanzaniya "n'uwariwe wese kw'isi yafashije mu gisabisho".
Ntawuramenya neza ingene Bwana Dewji w'imyaka 43 yarekuwe, canke ko hari amahera yarinze gutangwa.
Ikigo Forbes kivuga ko Bwana Dewji afise itunga ry' amahera umuliyaridi n'inusu w'amadolari $1.5bn, rituma aba umunyafrika wa mbere muto mu myaka ari mu batunze amamiliyaridi.
Bwana Dewji yanyurujwe n'abantu bitwaje inkoho kw'ihoteli Colosseum itariki 11 ukwezi kwa cumi, ashitse mu gitondo aje kwinonora imitsi.
Umuryango wiwe wemeye gutanga umuliyaridi w'amashilingi ya Tanzaniya 1bn Tsh ($440000) y'agashirukabute ku muntu yofasha ngo atabagwe.
Umushikiranganji w'ibidukikije muri Tanzaniya, January Makamba, umugenzi cane w'uwo mugwizatunga afise n'amahinguriro, yanditse ku wa gatandatu ku buryo bwa Twitter ko yavuganye na Bwana Dewji na se.
Avuga ko abari bamunyuruje bamusize hafi y'ikirabu Gymkhana c'i Dar es Salam.
Uwo mugabo atunze amamiliyaridi afise amagara meza, ariko akaba yaraharaguritse ku maboko no ku maguru kubera amapingu bamwambitse.
Bwana Dewji yarabaye umushingamateka w'umugambwe uri ku butegetsi imyaka cumi, gushika mu 2015.
Sosiyete yiwe MeTL, ikorera mu guhingura impuzu, ifu, ibinyobwa n'amavuta yo guteka mu bihugu niburiburi bitandatu vyo muri Afrika.
Mu 2016 uwo mutunzi yari yemeye gutanga igice c'itunga ryiwe mu bikogwa vyo gufasha.