Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Igipolisi cataye mu mvuto 40 bikekwa ku bwicanyi muri Tanzaniya
Igipolisi ca Tanzaniya cataye mu mvuto abantu 40 bikekwa mu bwicanyi bwahitanye abagabo babiri, biturutse ku kibazo c'amatongo kimaze imyaka mirongo mu buraruko bw'igihugu.
Izo mpari zishingiye kw'itongo ry'ama hagitari 4000 y'isi ndimwa hafi y'ikirindiro c'ibikoko vyo mw'ishamba Serengeti.
Abo bagabo babiri bicishijwe imipanga ku munsi wa gatanu igihe bariko barakora mu mirima hafi y'ikigwati cabo ca Remng'orori.
Abo bantu babateyengo bari bitwaje imiheto n'imyampi, munyuma bahungira mu ngo zabo mu kigwati kibanyi, niko igipolisi cavuze.