Nyamugigima yahitanye abantu 200 muri Mexique

Yatangajwe

Nyamugigima ikomeye yadutse mu karere ko hagati muri Mexique ihitana abantu barenga 200.

Iyo nyamugigima ifise igipimo 7.1 casenyuye amazu yababa 30 mu ku mugwa mukuru Mexico.

Abantu bariko baratabara vyihuta bafashijwe n'abantu amajana n'amajana bariko baritanga n'uu barabandanya kurondera abarokotse baguweko n'ibihome.

Abategetsi bavuga ko igitigiri c'abapfuye gishobora kwongerekana.

Daniel Lieberson yari mw'ihoteli ya Hilton mu gisagara ca Mexico igihe ico kinyamugigima caduka.

"...Nari mw'igorofa ya 26. Inzu yariko iranyiganyiga imbere n'inyuma, ibiyo vyose vyamenetse, turagira ubwoba twibaza ko amadirisha agira aveko, ariko si ko vyagenze. Ariko ico bakoresha mu guteka ikawa hamwe n'ibindi bintu vyakorokeye hasi, ntivyari vyoroshe. Camaze amasegunda 30 gusa ariko umenga camaze umwanya muremure gose..." ni ko Daniel Lieberson.

Ku ruhande rwiwe Natasha Pizzey, umumenyeshamakuru wo muri ico gisagara avuga ko hari igitigiri kinini c'abantu caguweko n'amazu yabomotse.

"...Turazi ko hari abantu barokotse mu mazu abantu babamwo yabomotse, nta buryo twari dufise bwo kubatabara. Hari abantu amajana n'amajana baje kwitanga mu gutabara mu karere ico kinyamugigima cabayewo..." ni ko yavuze.

No mu zindi ntara bihana urubibe za Morelos na Puebla hononekaye ibintu vyinshi.

Mu ntango z'uku kwezi nyamugigima yaradutse mu karere ko mu bumanuko bushira uburengero bwa Mexico gihitana ubuzima bw'abantu 90.