Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Nyamugigima yishe 4 muri Philippines
Niburiburi abantu bane bapfuye, abarenga 100 barakomereka, mu mpanuka ya nyamugigima yabaye ku munsi wa gatanu mu gihugu ca Philippines, niko ubutegetsi bwavuze.
Iyo nyamugigima y'igipimo ca 6.7 yajugumbije igisagara ca Surigao ku izinga Mindanao, yabomoye amazu, ituma n'umuyagankuba ucika mu turere twinshi.
Abanyagihugu baciye bahungira mu bibanza bigaragara, barara mu bibuga vyo kuruhukiramwo, niko amakuru yo mu gihugu avuga.
Nta tsunami yitezwe inyuma yiyo nyamugigima, nkuki ikigo "US Pacific Tsunami Warning Center" cabimenyesheje.
Abitavye Imana bishwe n'ibimanyu vyakoroka hamwe n'impome zabomoka, niko Gilbert Gonzales ajejwe ivyaduka mu ntara yavuze.
Hari ikiraro n'ihoteli vyasambutse, amatara n'amazi vyacitse mu turere tumwe tumwe.
Ikibuga c'indege ca Surigao cugawe vy'agateganyo bitewe nuko ikibuga indege zigwako casadutse, niko ubutegetsi bwavuze.
Igihugu ca Philippines kiri mu bikunze gutegwa na Nyamugigima.