Burundi: Prezida Ndayishimiye avuga ko abajenama bamutanye akazi

Ahavuye isanamu, Kwa Ntare House
Umukuru w'igihugu c'Uburundi yemeje ku mugaragaro ivyari bimaze igihe binugwanugwa canke bivugwa ku mbuga hwaniro ko yahagaritse mu kazi mu kiringo c'indwi zibiri abajenama biwe benshi yasanze badatonda ku kazi ku masaha.
Prezida Evaritse Ndayishimiye yabivugiye imbere y'urwaruka yakoranije mu kibuga c'inkino citiriwe Intwari (cahoze citwa Stade Prince Louis Rwagasore) i Bujumbura ku wa kabiri kugira bavugane imigambi yo kwironderera akazi.
Kuri uyu wa kane ico kiruhuko co "ku nguvu" niho categerezwa kurangira abo bajenama bagasubira ku mirimo.
Umukuru w'Uburundi yavuze ati: "Jewe narababwiye nti rero ko mwantanye akazi ari je nkora ndi umwe, umunsi umwe rero tuzogabura umushahara".
Presida Ndayishimiye avuga ko yugaye ibiro umunani akabika imfunguruzo.
Avuga ko yabibabwiye kenshi bakibaza "ngo n'ugufyina " gushika aho abaha "ikonje (congé) ku nguvu".
Umukuru w'Uburundi avuga ko abafatiwe iyo ngingo bose bazohembwa igice c'umushahara, ikindi akazoca aja kuraba "abenegihugu ndayafashisha".
Prezida Ndayishimiye agize igihe anegura cane abo mu nzego zitandukanye n'abamufasha imirimo y'igihugu abagiriza kuba aribo batuma ibintu bitagenda neza mu gihugu.
Yaheruka kubwira abacamanza ko "yaje kuririra imbere yabo" kw'izina ry'abenegihugu batakironka ubutungane bubereye kubera abo bacamanza bamunzwe n'ibiturire.
Ku mbuga hwaniro no mu bihweza ibintu n'ibindi hari abavuga ko umukuru w'igihugu adakwiye "kurira" kandi afise ububasha bwose bwo guhindura ibitagenda neza harimwo no gukura abajenama biwe abona ko bakora nabi.
Ariko we avuga ko naho yozana abandi nabo bazoza bameze uko, ati rero "reka mbanze mvure wewe gushika aho ntana n'akagazuzo".









