Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Liverpool 0-1 Real Madrid: Umwaka mwiza cane urangiye mu mubabaro inyuma y'imidugararo y'i Paris
- Umwanditsi, Na Phil McNulty
- Igikorwa, Umwanditsi mukuru mu vyo umupira w'amaguru yari kuri Stade de France
- Yatangajwe
Umwaka wiza cane wa Liverpool yari yitezemwo umunezero w'ibikombe bine waraye urangiye mu marira inyuma y'imidugararo yabereye i Paris imbere y'urukino.
Ijoro ryakeye ryabaye akamuna kuri Liverpool n'abafana bayo ku ngero zose umuntu yokwiyumvira mu gihe Real Madrid yoyo yakoze ivyo yama ikora hanyuma iterura igikombe ca Ligue des Champions/Champions League, ku ncuro igira 14.
Intsinzi ya Real y'igitsindo kimwe cinjijwe na Vinicius Junior ku munota wa 59, yandikishije izina ry'umumenyereza Carlo Ancelotti mu gitabo ntibagiranwa c'amateka atahukanye igikombe kigira kane nk'umumenyereza muri rino higanwa rihuza imirwi yabaye iya mbere iwabo (Champions League).
Kuri Liverpool uyu musi mubi kuri bo wugaye imisi itandatu y'amarira inyuma y'aho itakarije ihiganwa ry'Ubwongereza Premier League aho ku musi wa nyuma Manchester City ariyo yahavuye igitahukana, isumbije Liverpool inota rimwe ritarenga ntirirenguke, hanyuma ikaba yaraye itakaje imbere y'uyu murwi w'igihangange kandi ufise uburambe, Real Madrid.
Ariko, uru rukino rwa nyuma rwaraye rukinywe ntiruzokwibukirwa ku gutsindwa kwa Liverpool n'intsinzi ya Real gusa.
Ruzokwibukwa kandi ku midugararo yabereye hanze y'ikibuga Stade de France mu masaha makeya imbere y'uko rutangura, aho ibarabara rigana mu nzira yo mu kuzimu hapande y'ikibuga ryuzuye isinzi ry'abafana ba Liverpool mu buryo buteye ubwoba.
Wegereye aba bafana, warashobora kwumva ingene bari bashushe mbere uko iminota yagenda niko uburakari bwagenda bwiyongera mu gihe batashobora kuva aho bari kubera ubwinshi bwabo. Vyari ibintu bitaryoheye ijisho.
Mu gihe icuka kibi cagenda kiduga, n'imirongo miremire yagenda yiyongera ku miryango y'ikibuga, vyagiye kurangira igipolisi c'Ubufaransa gikoresheje ivyuka vy'ipiripiri na vya vyuka vyokera kugira birukane abafana, biba ngombwa ko urukino rutangura rucerewe iminota 36 yose mu gihe uruhande rw'ikibuga rwari rwateguriye Liverpool rwagumye rufise abantu bake cane.
Liverpool yasavye ko haba amatohoza ku vyabaye mu gihe UEFA ivuga ko inzitiro "zazibiwe n'ibihumbi vy'abafana bari baguze amatike y'amanyanga ataco yabafashije".
Iki nico cuka caranze uru rukino aho Liverpool yagerageje incuro nyinshi kurondera igitsindo ariko ikiseka ku munyegori yari yahumaganye, Umubirigi Thibaut Courtois.
Mu gihe abakinyi ba Liverpool bari baguye bukwi mu kibuga, Trent Alexander-Arnold wewe yamaze iminota itari mike yajumarariwe, atabona iyo aja n'iyo ava.
Jurgen Klopp n'abahungu biwe ntibazokwibagira uyu mwaka w'inkino berekaniyemwo ubuhinga n'inguvu zidasanzwe mu gutsindira ibikombe bibiri ariko ukaza kurangira mu mubabaro.
Alexander-Arnold yaboneka ko yari yacitse intege bidasanzwe, atari gusa umubabaro wo gutsindwa, ahubwo ku kungene Vinicius yamuciye inyuma akamutsindana igitsindo cagiye kuvamwo intsinzi ya Real.
Ariko rero hariho ibintu vyo kwihweza neza, cane cane ku murwi nk'uyu w'igihangange kandi uzwi ko usatira bikomeye.
Liverpool yatahukanye ibikombe Carabao Cup na FA Cup, vyompi kuri ya mipira itererwa ku metero 11 (penalties) itsinze Chelsea. Ibi bisigura ko mu nkino zitatu za nyuma zose (finales) Liverpool itashoboye gutsinda igitsindo na kimwe mu kiringo c'urukino, harimwo mbere no mu biringo bibiri vy'inyongera (prolongations/extra-time).
Mu gihe uyu murwi ufise abasatirizi badasanzwe nka Mohamed Salah, Sadio Mane, Luis Diaz, Roberto Firmino na Diogo Jota, ntivyumvikana na gato ukungene badashobora gutera ibitsindo. Muri Carabao Cup na FA Cup nta ngaruka vyagize, ariko nijoro vyaragize ingaruka.
Hanyuma uwatumye ibi vyose ni Courtois yari yambaye urwaga, mu gukurayo imipira itandatu yose ya Salah wenyene, hamwe n'uwundi ukomeye watewe na Mane akawuzibira hanyuma useka ku cuma c'igori imbere yo kwisanga hanze.
Ijoro ryakeye ryari nk'ukwihora kuri Salah inyuma y'ivyabaye mu 2018 mu rukino rwa nyuma nyene aho asekaniye na Sergio Ramos bikaba ngombwa ko ava mu kibuga, akorora amosozi y'umubabaro inyuma y'iminota 30 gusa, urukino rukaba rwagiye kurangira Real ikubise Liverpool 3-1 i Kyiv muri Ukraine.
Salah azokwama yibaza igihe cose ingene vyanse ko yinjiza igitsindo na kimwe hano. Ashobora kumara amajoro atari make mu ndoto mbi aho azokwama abona Courtois, uyu muntu umwe yamubereye ifuro ry'igiti.
Muri zino ndwi za nyuma, Liverpool yaboneka ko isa n'iyishaka gucika intege kubera ingene bitanga bidasanzwe ariko bikanka ko batsinda, kandi vyaraboneka mu minota ya nyuma uravye ingene bita kugira ngo bisubize iteka, ariko bikaba ivy'ubusa imbere y'uyu murwi w'igihangange wiganje muri iri higanwa rya Champions League, uzi kandi n'ingene ukenyura uwo bahanganye.
Muri uno mwaka urangiye, Klopp n'abahungu biwe ntaco batakoze, mbere kuri uyu wa Mungu bakaba biteze kwerekana ibikombe vyabo vya Carabao Cup na FA Cup mu mabarabara ya Liverpool, ariko wibaze ingene vyari kugenda iyo baramuka bateruye iki gikombe ca Champions League ku ncuro igira indwi.
Nta muntu n'umwe yiyumvira ko Liverpool yari kurangiza uyu mwaka w'inkino mu mubabaro uravye ingene basugereje Manchester City, muri Premier League gushika ku musi wa nyuma.
Uyu murwi wa Pep Guardiola wavuye iyo rwotera izuba ku musi wa nyuma w'ihiganwa kuko wabanje guterwa bibiri vyose ku busa na Aston Villa, imbere y'uko bivyukiranya bagatsinda bitatu mu minota itarenga itanu, gutyo babona kwigizayo Klopp n'abiwe.
Ariko mu rukino rwa nijoro, iyo ataba ubuhinga budasanzwe bwa Coutrois, iki gikombe ubu kiva kivugira i Merseyside.
Nta nkeka ko Real yaciye mu nzira zitoroshe, kandi nk'umurwi washoboye gutsinda Paris St-Germain, Chelsea, Manchester City na Liverpool, koko urakwiye iki gikombe ca Champions League. Aha nta keka.
Kuri Liverpool kumbure nta muntu yovuga ko uyu mwaka wabaye mubi - kuko bawumaze berekana ubuhinga bwo ku rwego rwo hejuru - ariko akari ukuri karavugwa, urangiriye i Paris mu buryo budashimishije, mu mubabaro.