Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ayavugwa mu mupira w'amaguru: Aubameyang, Haaland, Vlahovic, Kessie, Nketiah, Dembele
Arsenal izokwakira uwo wese azoza arondera umusatirizi wayo, umunya-Gabon Pierre-Emerick Aubameyang w'imyaka 32, ashobora gusezera uyu murwi muri uku kwa mbere. (Sky Sports)
Arsenal yemeye gutanga imiriyoni 70 z'ama euro ku musatirizi wa Fiorentina, umunya-Serbia Dusan Vlahovic w'imyaka 21 - ibi bigashobora guha akaryo umukinyi wo hagati w'umunya-Uruguay Lucas Torreira w'imyaka 25, ko kwimukira burundu muri uyu murwi wo mw'ihiganwa ry'Ubutaliyano Serie A. (Gazzetta dello Sport - in Italian)
Umusatirizi wa Red Bull Salzburg, umudagi Karim Adeyemi w'imyaka 19, ari imbere ku rutonde rw'abaronderwa na Borussia Dortmund kugira ngo bashobore gusubirira umusatirizi wayo, umunya-Norvège Erling Braut Haaland w'imyaka 21. Abasatirizi Vlahovic wa Fiorentina, umunya-Autriche Sasa Kalajdzic w'imyaka 24 wa Stuttgart hamwe n'umunya-Uruguay Darwin Nunez w'imyaka 22 wa Benfica nabo bari kuri uru rutonde rw'abaronderwa n'uyo murwi wo mw'ihiganwa ry'Ubudagi Bundesliga. (Marca - in Spanish)
Borussia Dortmund irashaka ko ivya kazoza ka Haaland birangirana n'akadirisha k'igura n'igurisha ry'abakinyi ry'uku kwa mbere. (Mirror)
Umusatirizi wa Flamengo, umunya-Brésil Gabriel Barbosa w'imyaka 25, ariteguye kwinjira muri Newcastle United n'aho uyu murwi ugeze ahatemba mu gihe uboneka ko ushobora kumanuka mu cicaro ca kabiri. (90min)
Umukinyi wo hagati w'umunya-Hollande Donny van de Beek w'imyaka24, ariko araraba ko muri uku kwa mbere yosezera muri Manchester United. (ESPN)
Umumenyereza wa Tottenham Antonio Conte ntarashobora kubonana n'umukuru w'uyu murwi Daniel Levy kugira ngo bavugane ivyo kurondera abandi bakinyi muri uku kwa mbere. Umukinyi wo hagati wa AC Milan umunya- Côte d'Ivoire Franck Kessie w'imyaka 25, ari mu baronderwa cane n'uyo mumenyereza w'umutaliyano. (Evening Standard)
Imirwi yo muri Premier League, Brighton na Crystal Palace, yompi iripfuza muri uku kwa mbere umusatirizi wa Arsenal, umwongereza Eddie Nketiah w'imyaka 22. (Sun)
Roma iriteguriye gutera igikumu ku masezerano y'intizo y'umukinyi wo hagati wa Arsenal, umwongereza Ainsley Maitland-Niles w'imyaka 24, muri ino ndwi. (ESPN)
Paris St-Germain iripfuza umusatirizi wa Barcelona akina ku ruhande, umufaransa Ousmane Dembélé w'imyaka 24. (Mundo Deportivo - in Spanish)
Barcelona iripfuza kugurisha vuba bwango Dembélé mu gihe uyu mukinyi wo ku ruhande yokwanka ayandi masezerano. (Talksport)
Umumenyereza wa Manchester City Pep Guardiola arashobora kurekura umukinyi w'inyuma w'umunya-Espagne Aymeric Laporte w'imyaka 27, akinjira muri Barcelona - ariko ni mu gihe hoba amasezerano yotuma umukinyi wo hagati w'umunya Hollande Frenkie de Jong w'imyaka 24, yimukira muri uyo murwi wo muri Premier League. (El Nacional, via Teamtalk)
Umukinyi w'inyuma wa Barcelona umunyamerika Sergino Dest w'imyaka 21, nta ciyumviro afise co kuva muri uyu murwi n'aho imirwi ya Atletico Madrid, Bayern Munich na Chelsea imwipfuza. (Sport - in Spanish)