Ayavugwa mu mupira w'amaguru: Varane, Bellerin, Kane, Haaland, Jesus, Griezmann

Hector Bellerin

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Hector Bellerin
Yatangajwe

Manchester United iri hafi yo gushika ku masezerano n'umukinyi w'inyuma wa Real Madrid umufaransa Raphael Varane w'imyaka 28 amaze igihe kirekire aronderwa kugira ngo afashanye na Harry Maguire. (Mail)

Hector Bellerin yabwiye Arsenal ko yipfuza kugenda muri rino ci. Uyu mukinyi w'inyuma w'umunya Espagne w'inyaka 26, umukinyi amaze igihe kirekire gusumba abandi muri uyo murwi wa Mikel Arteta, yizeye ko ashobora kwimukira muri Inter Milan. (Metro)

Hector Bellerin

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Hector Bellerin

Manchester City yakuye akarenge mu ruhigi rwo kurondera umusatirizi wa Barcelona umufaransa Antoine Griezmann w'imyaka 30, ariko ikaba igiye guhindukirira umusatirizi wa Borussia Dortmund umunya Norvege Erling Braut Haaland w'imyaka 20 hamwe na Harry Kane w'imyaka 27 akinira Tottenham akongera akaba kizigenza w'umurwi nserukiragihugu w'Ubwongereza. (Sun)

Chelsea yiteguye gutanga "igifovya" c'amafaranga kugira irabe ko yoronka Haaland. (Star)

Umukinyi w'imbere wa Borussia Dortmund n'igihugu ca Norvege Erling Braut Haaland

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Umukinyi w'imbere wa Borussia Dortmund n'igihugu ca Norvege Erling Braut Haaland

Griezmann ashobora kuba ariko arasubira mu murwi yahoze akinira Atletico Madrid, biciye mu kumuguzanya n'umukinyi wo hagati wa Espagne Saul Niguez w'imyaka 26. (Express)

Bayern Munich iriko irarondera uwosubirira umusatirizi wa Pologne Robert Lewandowski w'imyaka 32 ashobora kuba yipfuza kwimukira muri Real Madrid mu ci ry'umwaka uza mu gihe asigaje umwaka umwe gusa mu masezerano afitaniye n'uyu murwi wo mu Budagi. (AS - in Spanish)

Ubutumwa yacishije kuri Twitter ariko agaca abufuta, umukinyi wo hagati wa Real Madrid Isco buvuga ko uyu mukinyi w'umunya Espagne azova muri uyu murwi mu gihe amezi 12 asigaje mu masezerano afitaniye n'umurwi wiwe azoba arangiye, mu gihe imirwi ya Arsenal, Tottenham Hotspur na Napoli imwipfuza. (Mirror)

Francisco Román Alarcón Suárez azwi kw'izina rya Isco

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Francisco Román Alarcón Suárez azwi kw'izina rya Isco

Manchester City na Wolverhampton Wanderers yompi iripfuza umukinyi w'inyuma wa Fulham Antonee Robinson w'imyaka 23. (Mirror)

Juventus iriko irarondera umusatirizi wa Manchester City umunya Brésil Gabriel Jesus w'imyaka 24. Uyu murwi w'Ubutaliyano urarondera kandi n'umusatirizi wa Everton umutaliyano Moise Kean w'imyaka 21. (Tuttosport, via Mail)

Arsenal iriko iregereza amasezerano n'umukinyi wo hagati wa Lyonumufaransa Houssem Aouar w'imyaka 23 hamwe n'umubirigi akina hagati Albert Sambi Lokonga w'imyaka 21 asanzwe akina muri Anderlecht.Iriko kandi irakurikiranira hagufi umukinyi wo hagati wa Leicester City umwongereza James Maddison w'imyaka 24. (Sun)

Houssem Aouar

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Houssem Aouar

Umumenyereza mushasha wa Crystal Palace Patrick Vieira ariko ararondera umunyegori w'umwongereza Remi Matthews w'imyaka 27 aherutse kuronka uburenganzira bwo kuva mu murwi Sunderland wo mu cicaro ca kabiri asanzwe asamira. (Mirror)

West Brom iriko iragerageza kurondera umukinyi wo hagati wa Chelseaumwongereza Trevoh Chalobah w'imyaka 22, ariko iriko imurwanira n'uwundi murwi uvugwa ko woba iri Brentforduherutse kuduga muri Premier league, hamwe n'umurwi w'Ubufaransa Lorient, iyi ikaba ari imwe mu yiriko iramurondera. (Express & Star)