Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Denmark: Intwari zashoboye kurokora Christian Eriksen inyuma y'aho agwiriye mu kibuga nijoro
Ikinyamakuru kimwe co muri Denmark/Danemark candika kiti: "Danemark yaraye itsinzwe. Ariko ubuzima bw'umuntu bwaratsinze."
Inyuma y'amaganya n'amarira vyaranze ijoro ryakeye, haje ihumure.
Ihumure kubera Christian Eriksen - yaguye mu kibuga hasigaye akanya gato ngo igice ca mbere c'urukino rwahuza Danemark na Finlande mu mahiganwa ya euro 2020 - yahavuye ahembuka kandi akaba "ameze neza" aho ariko aravurirwa mu bitaro.
Ihumure kandi, kuri bagenzibe bose babangutse kumutabara ku muvuduko udasanzwe. Umuvuduko ushobora kuba ari wo warokoye ubuzima bw'uyu yahoze ari umukinyi wo hagati wa Tottenham.
Turabire hamwe ingene ibintu vyagenze, n'ingene abakinyi bavyifashemwo mu gufasha Eriksen.
Eriksen yaguye mu kibuga igihe yari agiye kwakira umupira wari usubijwe mu kibuga n'amaboko, isanganya ryateye ubwoba budasanzwe mu kibuga Parken Stadium i Copenhagen (umugwa mukuru wa Danemark).
Kizigenza wa Denmark Simon Kjaer ari mu ba mbere baciye bamwegera basa n'abamuha akayaga.
Ubwo nyene baciye babona ko ibintu ari bibi cane baca bihutira guhamagara abaganga.
Amaze kugarura akenge, abakinyi bagenziwe baciye bakora umuzingi kugira bamunyegeze kugira ngo abarorerezi baharurwa mu 15.200 hamwe n'imiriyoni z'abariko bawurabira ku mboneshakure ntibagume babona ivyariko biraba.
Benshi muri abo bakinyi - abenshi muri bo baraba hanze - bariko bakorora amosozi. Hari bamwe baboneka ko bariko barasenga.
Henry Winter, umukuru w'igisata c'inkino mu kinyamakuru The Times, yabwiye BBC Radio 5 Live ati: "Nimba uzi abakinyi ba Danemark, aba si abagenzi gusa bakinana nawe, abantu nka ba Simon Kjaer na Kasper Schmeichel".
"Ni incuti pfa mpfe kandi baciye banyaruka gutabara Christian Eriksen. Kubera ubugabo bwabo, baciye baja guhoza umukunzi wa Christian aho yari ari ku ruhande rw'ikibuga ababaye cane".
Uyu mukinyi w'imyaka 29 ubu akina muri Inter Milan yagiye kuvanwa mu kibuga ari ku nderuzo aca anyarukanwa kwa muganga.
Bamaze kuronka inkuru ko Eriksen yari yahembutse, urukino rwarasubiye rurabandanya, Finland ikaba yatsinze 1-0.
Abaganga - 'Twakoze ico twategerezwa gukora'
Umuhinga mu kuvura indwara z'imitima mu gisata co kwinonora imitsi, Sanjay Sharma, akaba ari na we arongoye umurwi w'abahinga mu kuvura indwara z'imitima mw'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru, yabwiye BBC ko "icarokoye ubuzima bwiwe ari uko abaganga bakoze mu bubangutsi budasanzwe".
Uwujejwe ubuvuzi mu murwi nserukiragihugu wa Danemark, Muganga Martin Boesen, yarafashe ijambo mu kiganiro n'abanyamakuru aho yavuze ingene ibintu vyagenze.
Ati: "Vyari ibintu bigaragara ko yari yataye ubwenge".
"Igihe ndamushikira, yari aryamiye ku ruhande, yari agihema. Narumva ko umutima wari ugitera, ariko ubwo nyene ibintu vyaciye bihinduka duca dutangura kumukorera CPR (impfunyapfunyo ya Cardiopulmonary resuscitation, canke réanimation cardio-pulmonaire [RCR} mu gifaransa, uburyo bwo gupompa ku gikiriza umuntu agize ibibazo vy'umutima uhagaze no kumupepeya kugira bamuhembure).
"Ibi vyakozwe mu buryo bwihuse cane, kandi twakoze uko dushoboye kwose turashobora guhembura Christian. Yarashoboye kumvugisha imbere yo kumushikana mu bitaro".
Fabrice Muamba nawe yaragize ibibazo vy'umutima wahagaze mu 2012 igihe yariko akina mu murwi Bolton Wanderers. Yarakize, akaba yagiye guhembuka haciye amasaha 72, ariko ntiyigeze asubira gukina.
Yabwiye BBC Sport ati: "Vyangarukaniye ibintu bikiri muri jewe, uwu mubabaro uba uhari. Ukabirabira kure ariko ntumenye ikigiye gukurikira".
"Vyari ibintu biteye ubwoba, ariko ni ugushimira abaganga. Bakoze igikorwa gihambaye cane kuri Christian. Nakunze ingene abakinyi bagenzibe baciye bamwegera baramukingira. Vyibutsa umubabaro mu bisanzwe utifuza kubona. Ndizeye ko ibintu bizogenda neza. Ndizeye ko azokira".
Umukinyi wo muri Korea y'Epfo Son Heung-min bigeze kuba bakinana muri Tottenham na we nyene yarungitse ubutumwa bwo gufata mu mugongo mugenziwe, ni inyuma y'aho yari yijije igitsindo cahaye Korea y'Epfo uburenganzira bwo kuzoja gukinira igikombe c'isi yose mu 2022.
Ahajeje kwinjiza ico gitsindo kuri penalty, Son yaciye aja kuri camera ati: "Christian Eriksen, ndagukunda".
Urukino rwarabandanije - 'bamwe vyaranse ko basubira gukina'
Abakinyi ba Danemark basabwe guhitamwo kimwe muri bibiri - kubandanya urukino muri iryo joro canke bukeye ku mutaga. Bamaze kwumva ko Eriksen ameze neza, bafashe ingingo yo kurangiza urukino.
Umumenyereza wa Danemark Kasper Hjulmand avuga ati: "Abakinyi ntibabona ko borara badasinziriye hanyuma ngo buce burire imodoka basubire mu kibuga. Babonye ko vyoba vyiza bavuyeho biheze".
"Ni ijoro ritoroshe. Sinoreka gukengurukira ingene aba bantu bamwitayeho neza. Ni umwe mu bagenzi banje pfa mpfe. Ndashima ingene abakinyi bavuganye ko badashobora gufata ingingo y'ugukora ikintu ico ari co cose gushika bumvise ko Christian yahembutse".
"Ntushobora gukina umerewe gutyo. Twagerageje kurondera intsinzi. N'aho bitari vyoroshe, abakinyi bemeye barasubira mu kibuga barakina igice ca kabiri".
"Mvugishije ukuri, hari abakinyi vyanse rwose. Bababaye cane kandi bacise ivutu. Vyari ibintu biteye ubwoba cane".
"Hari bamwe vyankiye ko bashobora gukina, hari n'abandi bariye umutima amenyo barakina. Twaragerageke uko dushoboye, ariko ntushobora gukina neza mu gihe uzi ko mugenzawe yagize ibibazo vy'umutima. Jewe ku bwanje sinumva ko noshobora gukina. Tuzogerageza kubaba hafi, kandi ndizeye ko hari abantu bazodufata mu mugongo".
Urukino rusubiriye gutangura, umunyegori Schmeichel yakoze ikosa ridakunze kumubako arinjizwa igitsindo, hanyuma Pierre-Emile Hojbjerg nawe aronka penalty yari gutuma ikigombora, ariko arayihusha. Mu bisanzwe Eriksen asanzwe azwi ko ari umuhinga mu gutera amapenalty, iyo ahaba niwe yari kuyitera.
Ubu Christian Eriksen amerewe gute?
Abarongoye ishirahamwe ry'umupira w'amaguru muri Danemark bamenyesha ko Christian Eriksen ameze neza aho arwariye mu bitaro kandi ko yarungitse n'ubutumwa bwo kuramutsa abakinyi bagenzibe bakinana mu murwi nserukiragihugu.
Itangazo basohoye rivuga riti: "Ameze neza kandi abandanya ari mu bitaro aho ariko akorerwa ibindi bipimo".
"Mu gitondo c'uno musi twavuganye na Christian, aca aboneraho no kuramutsa abakinyi bagenzibe".
"Abakinyi n'abakozi b'umurwi nserukiragihugu bahawe ubufasha bwo mu bihe bidasanzwe kandi bazobandanya ari yo bari kugira bafashanye inyuma y'isanganya rya nijoro".
"Twashaka kubashimira mwese ku butumwa bwo guhoza".
N'aho ata tangazo rirasohoka rivuga icatumye Eriksen agwa mu kibuga, umumenyereza wa Danemark Kasper Hjulmand abona ko ari "ikibazo c'umutima".