Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ayavugwa mu mupira w'amaguru : Zaha, Richarlison, Nuno, Buendia, Moriba, Raphinha, Guendouzi
Umukinyi w'imbere wa Côte d'Ivoire Wilfried Zaha w'imyaka 28 yabwiye Crystal Palace ko ashaka kugenda imbere y'uko imyimenyerezo yo kwitegurira amahiganwa y'umwaka w'inkino uza atangura. (Times - subscription required)
Tottenham iri hafi yo kugena Antonio Conte nk'umumenyereza mushasha wayo, mu gihe Fabio Paratici na we yiteguye kwinjira muri uyu murwi kugira ngo arongore igisata c'ukwinonora imitsi inyuma y'aho aviriye muri Juventus mu kwezi guheze. (Talksport)
Amasezerano Conte yogiriranira na Tottenham ashobora kumwinjiriza imiliyoni zirenga 21 z'amadorari y'abanyamerika, ni mu gihe uyu yahoze amenyereza Chelsea yamaze kwemererwa n'umukuru w'uyu murwi Daniel Levy igifovya c'amafaranga yo gutunganya gushasha uyu murwi. (Mirror)
Umumenyereza mushasha wa Real Madrid Carlo Ancelotti aripfuza cane gutera Everton, umurwi yahora amenyereza, akawutwara umukinyi w'imbere, umunya Brésil Richarlison w'imyaka 24. (Football Insider)
Everton iriteguriye kugiriranira amasezerano y'imyaka itatu n'uwahoze ari umumenyereza wa Wolves Nuno Espirito Santo w'imyaka 47. (Nicolo Schira, via Star)
Everton ishobora gushira inguvu mu rugamba rwo kurondera umunkinyi wo ku ruhande wa Wolve umunya Portuga Pedro Neto w'imyaka 21 mu ghie Nuno yoba umumenyereza wayo mushasha. (Liverpool Echo)
Arsenal na Aston Villa iriko irarondera umukinyi wo ku ruhande wa Norwich, umunya Argentina Emi Buendia w'imyaka 24 afise agaciro k'imiliyoni 56.5 z'amadorari y'abanyamerika . (Sun)
Barcelona ivugwa ko yoba yiteguriye kugurisha umukinyi wayo wo hagati umunya Espagne Ilaix Moriba w'imyaka 18 mu gihe imirwi Manchester United, Manchester City na Chelsea, ivugwa ko imurondera (Mail)
Liverpool niyo iri imbere mu rugamba rwo kurondera umukinyi wo ku ruhande wa Brésil Raphinha akinira Leeds ariko Manchester United na Manchester City nayo nyene iramushaka. (Gianluigi Longari via Express)
Ariko, Manchester United ntirigera ibitangaza ku mugaragaro canke ngo ibaze Leeds nimba Raphinha ari kw'isoko, n'aho isa n'iyishaka uyu mukinyi w'imyaka 24. (Yorkshire Evening Post)
Arsenal iriteguye kugurisha umukinyi wo hagati w'umufaransa Matteo Guendouzi w'imyaka 22 ku giciro c'imiliyoni 12 zonyene z'amadorari y'abanyamerika. (Le10Sport, via Calciomercato)
Everton iriko irihweza ingene yogura umukinyi w'inyuma ku ruhande rw'iburyo asanzwe akinira PSV Eindhoven umunya Hollande Denzel Dumfries w'imyaka 25. (Voetbal International - in Dutch)
Norwich iriteguye gutanga imiliyoni zababa 14 z'amadorari y'abanyamerika kugira irabe ko yoronka umukinyi w'inyuma wa Celtic Kristoffer Ajer, mu gihe uyu munya Norvege w'imyaka 23 agiye kwinjira mu mwaka wa nyuma w'amasezerano afitaniye n'uyu murwi wo muri Ecosse/Scotland. (Sun)
Ajax yaciye imbere Manchester United mu rugamba rwo kurondera umukinyi wo ku ruhande w'umunya Ghana Kamaldeen Sulemana w'imyaka 19 asanzwe akinira FC Nordsjaelland yo muri Danemark. (Football Insider)
Umusatirizi w'umufaransa Olivier Giroud w'imyaka 34 ariteguye kuja gukinira AC Milan mu gihe amasezerano afitaniye na Chelsea agiye kurangira. (Gazzetta dello Sport - in Italian)
Sead Kolasinac w'imyaka 27 araciteze ko azogurishwa n'umurwi wiwe Arsenal inyuma y'aho Schalke ivugiye ko muri iri ci idashobora kugura uyu mukinyi w'umunya Bosnia akina inyuma ku ruhande rw'ibubamfu yari yatijijwe muri uyu murwi. (Football London)
Atletico Madrid iriteguriye kwumviriza umurwi uwo ari wo wose wokenera kugura umunya Espagne akina hagati Saul Niguez w'imyaka 26, akaba mu misi iheze yarigeze kuba aronderwa na Manchester United. (Marca - in Spanish)
Fiorentina iripfuza kugura muri iri ci umukinyi w'umufaransa akina hagati Tiemoue Bakayoko w'imyaka 26 asanzwe yatijijwe muri Chelsea. (Fabrizio Romano)
Massimiliano Allegri yasubiye kumenyereza Juventus ejo k uwa kane yabonanye n'abakozi, aho ikibazo ca kazoza k'umukinyi w'imbere wa Portugal Christiano Ronaldo w'imyaka 36 cari mu bibazo bikuru bikuru bihweje. (Goal)
Tottenham iracari mu biganiro n'umukinyi w'imbere wo muri Korea y'Epfo Son Heung-min w'imyaka 28 kugira ngo bagiriranire ayandi masezerano, kandi irizeye ko izoshika ku masezerano mu gihe izoba imaze kuronka uwundi mumenyereza. (Fabrizio Romano)
Douglas Luiz yiteze kuguma muri Aston Villa mu gihe bititezwe ko Manchester City itanga amafaranga asabwa kugira ngo igure uyu munya Brésil w'imyaka 23 akina hagati. (Express & Star)
Umumenyereza wa Atletico Madrid umunya Argentina Diego Simeone ari hafi yo gushika ku masezerano mashasha azomutuma abandanya kumenyereza uyo murwi gushika mu 2024. (Cadena Cope, via Mundo Deportivo)
Umurwi Lille uherutse gutahukana ihiganwa ry'Ubufaransa uripfuza ko Patrick Vieira yosubirira uwahoze awumenyereza Christophe Galtier. (L'Equipe - in French)
Uwahoze ari umusatirizi wa Arsenal Nicklas Bendtner ategura kubandanya n'ivyigwa vyiwe vy'ubumenyereza inyuma y'aho amenyeshereje ko ahagaritse gukina ku myaka 33, hakaba hari haciye amezi 17 uyu munya Danemark akinye urukino rwa nyuma mu murwi FC Copenhagen. (Ekstra Bladet - in Danish)