Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ayavugwa mu mupira w'amaguru: Varane, Camara, Nagelsmann, Willock, Azpilicueta
Chelsea iri imbere ya Manchester United na Paris St-Germain mu rugamba rwo kugura umukinyi w'inyuma wa Real Madrid Raphael Varane ubu afise imyaka 28. (Mundo Deportivo - in Spanish)
Umukinyi w'inyuma w'umunya Guinee, Ali Camara w'imyaka 23 asanzwe akina mu murwi Young Boys wo mu Buswisi, yateye amero imirwi itari mike yo mw'ihiganwa ry'Ubwongereza Premier League, harimwo Liverpool, Arsenal, Crystal Palace, West Ham na Norwich. (Team Talk)
Bayern Munich yatanguye ibiganiro vyo kurondera umumenyereza wa RB Leipzig Julian Nagelsmann kugira ngo ayibere umumenyereza wayo mushasha. (Independent)
Arsenal iri mu mayira abiri kuri kazoza k'umukinyi wayo wo hagati, umwongereza Joe Willock w'imyaka 21 ubu akaba akina muri Newcastle United iyo yatijijwe, ni mu gihe uyu murwi ukeneye kugurisha abakinyi kugira ngo ushobore kuronka amahera. (Football London)
Arsenal kandi iriteguye kugurisha umukinyi wayo w'inyuma Ainsley Maitland-Niles w'imyaka 23 ubu asanzwe akina muri West Brom, hamwe kandi na Eddie Nketiah w'imyaka 21 akina imbere. Abarashi bakeneye imiriyoni hafi 28 z'ama dodari y'abanyamerika kuri umwe umwe wese. (Sun)
Arsenal ifise amakenga nimba koko umutunzi ruhebwa ajejwe ikompanyi y'umuziki Spotify ikorera ku rubuga ngurukanabumenyi umunya Suède Daniel Ek, ari mu kugura uyu murwi. (Times - subscription required)
Umumenyereza wa Manchester City Pep Guardiola avuga ko umukinyi w'inyuma wa Espagne Eric Garcia w'imyaka 20 yiteguye kuja gukinira Barcelona atarinze kugurwa mu gihe amasezerano afitaniye n'umurwi wiwe azoba arangiye mu ci riza. (Metro)
Umumenyereza wa Atletico Madrid Diego Simeone aripfuza kugura umukinyi w'inyuma wa Chelsea, umunya Espagne Cesar Azpilicueta w'imyaka 31. (El Gol Digital - in Spanish)
Manchester United na Liverpool ziriko rirondera umusatirizi ariko ararwanirwa cane, umutariyano Andrea Belotti w'imyaka 27 asanzwe akina muri Torino, akaba kandi ariko aronderwa n'imirwi AC Milan, Roma na Inter Milan.Torinoyaramaze no kubona umukinyi w'imbere wa Cagliari, umunya Bresil Joao Pedro w'imyaka 29 nk'uwuzoca amusubirira. (Tuttosport)
Wolves niwo wundi murwi winjiye ku rutonde rw'imirwi iriko irondera umusatirizi wa Chelsea, umwongereza Tammy Abraham w'imyaka 23. Aston Villa, West Ham na Leicester City nayo kandi iramwipfuza. (Football Insider)
Uwahoze ari umumenyereza wa Tottenham Harry Redknapp ariteze ko umusatirizi w'umwongereza Harry Kane w'imyaka 27 ashobora kuguma muri uyu murwi n'aho hari ibihuha vyinshi bivuga ko ashobora kugenda. (Goal)
Manchester City yatanguye ibiganiro n'umurwi Red Star Belgrade/Étoile rouge de Belgrade kugira ngo irabe yo yoronka umukinyi w'imbere wa Serbia, Andrija Radulovic w'imyaka 18 asanzwe akina mu murwi nserukiragihugu w'abatarenza imyaka 19. (Sun)
Umusatirizi wa Espagne Alvaro Morata w'imyaka 28 avuga ko yipfuza kubandanya akinira Juventus ariko ko atari we afata ingingo, ni mu gihe amasezerano y'intizo hagati y'uyu murwi n'umurwi wiwe, Atletico Madrid, ari hafi kurangira. (Sky Italia via Goal)