Ibivugwa mu mupira w'amaguru: Mbappe, Grealish, Barkley, Raphinha, Musa, Shawcross

Kylian Mbappe

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Kylian Mbappe
Yatangajwe

Umusatirizi wa Paris St-Germain Kylian Mbappe ashobora gutera igikumu ku masezerano mashasha muri uyo murwi mu kurindira ko yimukira muri Real Madrid mu kiringo c'imyaka ibiri mu gihe akirindiriye ko ikigega c'uyu murwi wa Esupanye cisununura. (AS - in Spanish)

Real Madrid ntizorondera yuy mukinyi Mbabe gushika aho PSG izokwerekanira ko yipfuza kumugurisha, ariko kandi PSG ishobora gufata ingingo yo kureka uyu musatirizi w'imyaka 22 akagenda mu ci mu gihe atotera igikumu ku masezerano yo kwongereza ikiringo. (Marca)

Aston Villa iriteguye gutanga umukinyi wayo wo hagati Jack Grealish w'imyaka 25, mu gihe hogira uwongereza amahera, ikaba ishaka kugiriranira amasezerano ya burundu n'umukinyi w'intizo Ross Barkley w'imyaka 27 wo muri Chelsea. (90 Min)

Raphinha (left) celebrates after scoring the winner for Leeds United against Everton

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Raphinha

Liverpool iriko ikurikiranira hagufi umunya Brezili akina ku ruhande Raphinha w'imyaka 24 inyuma y'uruhara rukomeye amaze kwerekana muri Leeds United mw'ihiganwa ry'uyu mwaka. (Football Insider)

West Bromwich Albion iriko iregeranya uburyo kugira ngo irabe ko yogura umusatirizi w'umunya Nijeriya Ahmed Musa, ariko kandi imirwi Brighton, Burnley, Southampton na CSKA Moscow nayo iriko irarondera uyu mukinyi w'imyaka 28. (Mail on Sunday)

West Ham iriko irarondera umusatirizi wa Blackburn akomoka mu Bwongereza Adam Armstrong w'imyaka 23 ikaba iriko irategura gutanga amahera mu ci. (Sun on Sunday)

Umukinyi w'inyuma w'Ubwongereza, Ryan Shawcross w'imyaka 33 ari mu biganiro na Stoke City mu ntumbero yo guhagarika amasezerano afitaniye n'uyu murwi kugira ngo aje gukinira umurwi Inter Miami ukina mw'ihiganwa rya Amerika Major League Soccer (MLS). (90 Min)

Barcelona ntirota yemera amafaranga ari musi y'imiriyoni 15 z'ama euro mu gihe vyoba ngombwa ko igurisha umunyegori Neto Murara w'imyaka 31 akomoka muri Brezili mu ci. (Marca)

Umukinyi w'inyuma w'umufaransa William Saliba w'imyaka 19 ntarashobora kuronka ikibanza muri Arsenal ariko yatsindiye agashimwe k'umukinyi mwiza w'ukwezi mu murwi Nice inyuma y'aho atijirijwe muri uyo murwi wo mw'ihiganwa ry'Ubufaransa, Ligue 1, mu ntango z'ukwa mbere. (Metro)

Uwahoze akina hagati mu murwi Chelsea, Michael Ballack, avuga ko Timo Werner "kumbure ategerezwa gukora uko ashoboye agahindura umukino wiwe", hari mu gihe yariko avuga ku ngorane uyu mukinyi w'umudagi w'imyaka 24 afise imbere y'igori. (Omnisport, via Metro)

Timo Werner

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Timo Werner

Manchester City ivuga ko mu gihe yoshobora gutsinda iri higanwa rya Premier League ry'uno mwaka vyoyorohera gutsinda Chelsea mu rugamba rwo kugura umusatirizi wa Borussia Dormund ava muri Norvege Erling Braut Haaland w'imyaka 20. (Star)

Umumenyereza wa Manchester United Ole Gunnar Solskjaer avuga ko umukinyi wo hagati w'umufaransa Paul Pogba ubu afise imyaka 27 ashobora kuba yiteguriye gutera igikumu ku masezerano mashasha n'uyu murwi wiwe. (Guardian)

Paul Pogba

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Paul Pogba

Umusatirizi Mohamed Salah w'imyaka 28 akomoka mu Misiri ashobora kuba ari we ashobora kugenda mu gihe umurwi wiwe Liverpool wotegura kugura umusatirizi wa Paris St-Germain, umufaransa Kylian Mbappe w'imyaka 22 mu ci riza. (Marca)

Chelsea na Real Madrid ziriko zirarwanira kugura umukinyi w'inyuma wa Bayern Munich David Alaba w'imyaka 28 akomoka muri Autriche, akaba yiteguye kuva muri uyu murwi w'Ubudagi mu gihe amasezerano yiwe azoba arangiye mu mpera z'ihiganwa ry'uyu mwaka. (Guardian)

David Alaba

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, David Alaba

Umukinyi wo hagati w'umunya Norvege Martin Odegaard w'imyaka 22 aboneka ko ashobora kwimukira burundu muri Arsenal asanzwe akinamwoi nk'intizo mu gihe Zinedine Zidane yobandanya kumenyereza umurwi wamureze Real Madrid. (Eurosport)

Marc Overmars yahoze akinira Arsenal aripfuza kugaruka muri uyu murwi kurongora igisata kijejwe umupira w'amaguru. Nyo mabanga ajejwe mu murwi Ajax. (De Telegraaf, in Dutch)

Ibintu ntivyoroshe ku mumenyereza Jose Mourinho muri Tottenham ariko biboneka ko ivyo kumwirukana bitari hafi. (Telegraph)

Chelsea iripfuza kugarukana mu ci riza umusatirizi w'umubirigi Eden Hazard w'imyaka 30 yari yagurishije muri Real Madrid. (Defensa Central - in Spanish)