Irani ivuga ko yasubiye kwugara Umuhora wa Hormuz mu gihe hitezwe ibiganiro mu Buswisi hagati ya Tehran na Amerika

ubwato bwigitoro

Ahavuye isanamu, Morteza Nikoubazl/NurPhoto via Getty Images

    • Umwanditsi, George Wright
    • Umwanditsi, Toby Mann
  • Yatangajwe
  • Igihe co gusoma: iminota 4

Mu Buswisi hitezwe ibiganiro hagati ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika na Irani mu gihe igisirikare ca Irani gitangaza ko casubiye kwugara Umuhora wa Hormuz kubera ibitero vya Israel mu bumanuko bwa Libani.

Igisirikare ca Amerika kirahakana ibi bivugwa na Irani, kikavuga ko "uruja n'uruza bibandanya ukuri kwamye". Irani ivuga ko yugaye uno Muhora mu kwihora ibitero vya Israel vyahitanye abantu muri Libani, ikavuga ko kwari uguhonyanga amasezerano hagati ya Tehran (ubutegetsi bwa Irani) na Amerika yo guhagarika intambara.

Mu masaha yitereye na nijoro ku wa gatandatu, icegera c'umukuru w'igihugu ca Amerika JD Vance yarahagurutse ava i Washington atera aja mu Buswisi mu biganiro.

Intumwa za Irani zirimwo umukuru w'inama nshingamateka Mohammad Bagher Ghalibaf n'umushikiranganji ajejwe imigenderanire Abbas Araghchi ziza zamaze gushika mu Buswisi.

Ibi biganiro bishasha vyiteze gutangura kuri uno wa Mungu. Vance avuga ko yiteze ko hari intambwe izoterwa "ku kibazo c'umugambi wa nikleyeri" hamwe no "ku kibazo co guhagarika intambara muri Libani".

Avugana n'abanyamakuru imbere y'uko yurira indege, yabajijwe ku mishamirano hagati ya Israel na Hezbollah hamwe n'ibitero vyo mu kirere vya Israel mu bumanuko bwa Libani, hanyuma yishura ati: "Ibintu biriko biragenda neza hariya, kandi biriko biraza".

Ati: "Ni ikintu tugiye kubandanya dukurikiranira hagufi kugira ngo Israel na Libani vyompi bishobore gutekana. Iyi niyo ntumbero nyamukuru y'ibi biganiro, ni ukugira ngo akarere kose kagire ituze n'itekane".

Umuvugizi w'ubushikiranganji bwa Irani bujejwe imigenderanire Esmail Baghaei avuga ko igihugu ciwe kizosaba ko "urundi ruhande rushira mu ngiro inshingano zarwo".

Umushikiranganji wa mbere wa Pakistani Shehbaz Sharif na we nyene araza kwitabira ibirori vyo kwugurura ibi biganiro, nk'uko ibiro vyiwe vyabibwiye BBC. Pakistani ni umuhuza muri iyi ntambara, kandi yaranahagarariye ibiganiro vy'imbere y'aha hagati ya Amerika na Irani.

Mu ntango z'ino ndwi, abakuru b'ibihugu vya Amerika na Irani barateye igikumu ku masezerano y'intangamarara mu ntumbero yo guhagarika intambara, harimwo n'iyo muri Libani, kandi ibi vyategerezwa kuja mu ngiro ubwo nyene. Impande zompi ziyemeje kubandanya ibiganiro kugira ngo zishike ku masezerano yuzuye mu misi 60 iri imbere.

Vance atera aja mu Buswisi

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, JD Vance yafashe urugendo rumushikana mu Buswisi mu biganiro na Irani kuri uno wa Mungu
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ariko ikibazo nyamukuru kihari ni imishamirano hagati ya Israel na Hezbollah, umuhari w'abarwanyi ushigikiwe na Irani ukorera mu nkengera z'ubumanuko bw'umugwa mukuru wa Libani, Beirut.

Ejo ku wa gatandatu, abantu nibura 47 barishwe muri Libani mu rukurikirane rw'ibitero vyo mu kirere vya Israel, nk'uko bitangazwa n'ubushikiranganji bw'amagara y'abantu bw'ico gihugu.

Igisirikare ca Israel kivuga ko cateye ibibanza 80 bifitaniye isano na Hezbollah kandi ko cishe abanywanyi bayo baharurwa muri "mirongo".

Kivuga kandi ko ingabo zaco zine nazo nyene zishwe.

Israel na Hezbollah barabandanya barasana kuva hatangajwe amasezerano hagati ya Amerika na Irani, ariko ku wa gatanu hatangajwe ihagarikwa ry'intambara hagati y'izo mpande zibiri.

Imbere y'aya masezerano, Israel yari yavuze ko ata mugambi ifise wo gukura ingabo zayo muri Libani kandi ikaba yashimangira ko intambara yayo na Hezbollah itandukanye n'intambara yo muri Irani.

Hezbollah ivuga ko ibitero vya Israel muri Libani vyari ivyo kugerageza "gutoba" amasezerano hagati ya Amerika na Irani muri rusangi.

Reta ya Amerika iranegura ibitero vya Israel bibandanya muri Libani yisanze mu ntambara igihe Hezbollah yarasa vya muzinga muri Israel, mu kwihora ku bitero vya Amerika na Israel vyahitanye indongozi y'ikirenga ya Irani.

Ubushikiranganji bwa Libani bujejwe amagara y'abantu buvuga ko abantu 4.057 bamaze kwicwa kuva imishamirano hagati ya Israel na Hezbollah isubiye kwaduka, hari ku wa 2 z'ukwa gatatu uno mwaka.

Ishami ry'igisirikare ca Irani rijejwe gukingira ubutegetsi bwa Kisilamu (Islamic Revolution Guard Corps, IRGC) rivuga ko ibitero vya Israel kuri Libani vyahonyanze amasezerano, ko rero Umuhora wa Hormuz wari wuguruwe inyuma y'uko Amerika na Irani bishitse ku mazezerano yo guhagarika intambara, wasubiye kwugarwa.

"Ntimwegere Umuhora wa Hormuz, mukabirengako umutekano wanyu urahungabana".

Ubu ni bwo butumwa Ingabo zirwanira mu mazi za IRGC zashikirije amato yunguruza igitoro yari yiteguriye kwambuka uwo muhora kirumara wo mu mazi, ucishwamwo ibice hafi 20% vy'igitoro kizunguruka kw'isi.

Igisirikare ca Irani cagirije Amerika guhonyanga ingingo ya mbere iri muri ayo masezerano agizwe n'ingingo 14 zose hamwe, iyi nayo ikaba isaba "uguhagarika ubwo nyene kandi burundu ibikorwa vya gisirikare ku mpande zose, harimwo no muri Libani."

Gusa, inyuma y'uko Irani itangaje ko yugaye uno muhora, umuvugizi w'uburongozi bw'igisirikare ca Amerika mu karere (Centcom) Tim Hawkins yavuze ko "uruja n'uruza bibandanya ukuri kwamye". Yavuze ko ingabo za Amerika "zibandanya zikurikiranira hagufi uko ibintu biriko biragenda kugira ngo ntihagire igipfa", anongerako y'uko Irani itagenzura "Umuhora wa Hormuz".

Centcom ivuga ko amato y'ubudandaji 55 yaciye muri uno muhora ejo ku wa gatandatu yikoreye utugunguru tw'igitoro turenga imiriyoni 17.

Ariko amakuru ava mu buhinga bukurikirana ingendo yahinyujwe na BBC Verify yerekanye ko ku wa gatandatu amato atanu yunguruza igitoro ari yo yaciye muri uwo muhora, mu gihe ayandi mato atari make yasa n'ayasubiye inyuma muri ako karere.

Irani yugaye rwose Umuhora wa Hormuz inyuma y'uko Amerika na Israel bitanguye intambara kuri ico gihugu ku wa 28 Ruhuhuma (2) – mu bitero vyahungabanije amasoko y'igitoro kw'isi yose.