Italy: Amatohoza kuri Cristiano Ronaldo ku kurenga ku mategeko yo kwirinda Corona

Cristiano Ronaldo n'umukunzi wiwe

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Bose ko ari babiri bagirizwa kurenga ku mategeko yo kwirinda corona
Yatangajwe
Igihe co gusoma: iminota 1

Umukinyi w'imbere wa Juventus Cristiano Ronaldoariko aragirwako amatohoza n'igipolisi c'Ubutaliyano ku rugendo yagize aja guhimbaza umusi w'amavuka w'umukunzi wiwe.

Yagirizwa kurenga ku mategeko yo kwirinda Covid -19, mu kugira urugendo hagati y'intara ya Piedmont na Valle d'Aosta.

Amafoto yabonetse ariko mu nyuma aza gufutwa ku mbuga ngurukanabumenyi, zerekana aba bantu babiri bari mw'ihoteli imwe umusi Georgina Rodriguez yahimbaza imyaka 27 iheze avutse.

Abantu benshi baramaze gupfa mu Butaliyano abandi benshi barandukirwa n'iyo ngwara buri musi.

Ico gihugu carasinzikaye cane ico kiza kigitera mu mwaka uheze, ubu na ho kikaba kiri mu ndyane za politike inyuma yo kunanirwa kugabanya igitigiri c'abandura iyo ngwara mu musumirano w'ubundi bwoko bwa Corona.

Abapolisi b'i Valle d'Aosta bavuga ko bariko baragira amatohoza kura abo bantu bakundana ko ari babiri ku vyerekeye urugendo bagize i Courmayeur ski.

Amategeko ngenderwako yo mu Butaliyano, ingendo mu turere durimwo corona nyinshi zirabujijwe kiretse ingendo z'akazi canke utashe muhira.

Inkuru zivugwa ngaho mu Butaliyano zemeza ko Cristiano Ronaldo n'umukunzi wiwe bafashe urugendo ku musi wa kabiri baca baguma muri iyo hoteli imbere yo kuja Turin, ahabarizwa umugwi wa Juventus ku musi wa gatatu.

Rodriguez, umunyamideli, mu nyuma yarashizeko ifoto yiwe na Ronaldo bari mu musi mukuru ku muhana wabo.

Tambuka Instagram ubutumwa
Uremeye ibiri kuri Instagram?

Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na Instagram. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha Instagram amategeko agenga cookie n'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.

Uragaba: Ibitangwa n'izindi mbuga bishobora kubamwo gutangaza

Impera ya Instagram ubutumwa

1px transparent line

Mu gihe vyogaragara ko barenze ku mategeko, bashobora bose kurihishwa ihadabu.

Ivyo bishitse inyuma y'amezi atari make aheze Cristiano Ronaldo yandukijwe corona. Ico gihe yaranebaguwe n'umushikiranganji w'inkino w'Ubutariyano kuba yaragiye muri Portugal gukina urukino mpuzamakungu imbere gato y'uko yandura iyo ngwara.

Vincenzo Spadafora yavuze ko Cristiano Ronaldo ari umuntu 'inzigo' kandi 'atisonera' anamwagiriza kurenga ku mategeko yo kwirinda corona, aho yavuye mw'ihoteli umugwi wiwe warimwo aca afata urugendo inyuma yo kumenyekana ko yanduye.

Ariko uwo mukinyi aguma ahakana ko ata kosa yakoze.