Premier League 'ntiraganira ku vyo guhagarika ihiganwa' n'aho abanduye Covid biyongereye

Hasenhuttl wa Southampton

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Ralph Hasenhuttl umumenyereza wa Southampton yakoreye muhira yifashishije ubuhinga bwa videwo mu rukino rwo ku wa kabiri na West Ham inyuma y'aho umwe mu bo atunze mu nzu asanze yaranduye coronavirus.
Yatangajwe

Premier League, ihiganwa rikuru ry'umupira w'amaguru mu Bwongereza, ivuga ko ata mugambi wo guhagarika ihiganwa ry'uno mwaka n'aho ibiharuro vy'abandue coronavirus vyaduze.

Ku wa kabiri w'iyi ndwi, abakinyi 18 ni bo bapimwe bagasanga baranduye uwo mugera.

Urukino rwari rutegekanijwe nijoro ku wa gatatu hagati ya Fulham na Tottenham vyabaye ngombwa ko rusiba kubera hari abakinyi ba Fulham bari banduye.

Umumenyereza wa West Brom, Sam Allardyce, yari yasavye ko inkino "zohagarikwa gato" ariko Premier league ivuga ko "ata vyo guhagarika iri higanwa" biraganirwako.

Premier league ivuga iti: "Turizeye ko ingingo zacu zijanye na Covid-19 zitwemerera kubandanya ihiganwa uko ikirangamisi categuwe, kandi reta iracazemera".

"Dushira imbere anagara y'abakinyi n'abakozi, ariko kandi turashigikiye ingene imirwi ishira mu ngiro izi ngingo n'amategeko ngenderwako".

Ku wa mbere, urukino rwari guhuza Everton na Manchester City rwarasivye hasigaye amasaha ane ngo rutangure kubera abakinyi bari banduye.

Mu bipimo biheruka gufatwa ku bakinyi, Sheffield United imenyesha ko "abakinyi batari bake basanze baranduye".

Inkino zirabandanya, ariko ntabafana bemerewe kwinjira mu kibuga

N'aho ihiganwa rya Premier League ribandanya ukuri kwamye, abakinyi bagiye gusubira kubuzwa kwinjira mu kibuga kubera uburere butari buke bw'Ubwongereza buriko bushirwa ku mategeko ruhasha yo kuzibira coronavirus kuva isaha zitandatu z'ijoro ryakeye.

Igisagara ca Liverpool kigiye gushirwa ku rugero rwa gatatu muri izi ngingo za reta, ibi bigasigura ko abafana batazosubira kwemererwa kwinjira mu kibuga ca Liverpool, Anfield, canke Goodison Park ca Everton.

Ibi bibuga bibiri nivyo bibuga vyonyene mw'ihiganwa ry'Ubwongereza vyari vyemerewe kwakira abafana bashika ku 2000 mu ngingo zahahora zari zizwi ko ari izo ku rugero rwa kabiri.

Hari ubundi burere butari buke bw'Ubwongereza, harimwo uturere two mu buraruko bushira uburengero, uburaruko bushira ubuseruko hamwe n'ubwo hagati, bwashizwe mu mategeko yo ku rugero rugira kane kuva isaha zitandatu z'ijoro ryakeye.