Sam Allardyce: umumenyereza wa West Brom asaba ko ihiganwa rihagarara gato

Ahavuye isanamu, Rex Features
Sam Allardyce umumenyereza wa West Brom avuga ko ihiganwa rya Premier League ryohagarara gato inyuma y'uko hasubiriye kuboneka ibiharuro vyinshi vy'abakinyi banduye coronavirus.
Ejo ku wa kabiri, ibipimo vyafashwe ku bakinyi ba Premier League vyerekanye ko 18 banduye.
Ibitigiri vy'abanduye umugera mushasha wa coronavirus muri Fulham bisigura ko urukino rw'uno musi ruyihuza na Tottenham ata wuzi ko ruhava ruba.
Allardyce ati: "Mfise impungenge kuri jewe ubwanje hamwe no mu mupira w'amaguru muri rusangi".
Sheffield United imenyesha ko abakinyi bayo batari bake baherutse gupimwa bagasanga baranduye.
Ku wa mbere, urukino rwari rutegekanijwe hagati ya Everton na Manchester City rwarungurujwe hasigaye amasaha ane ngo rutangure kubera iki kiza ca coronavirus.
Allardyce avuga ko "akaruhuko gato" ari co kintu gikenewe kugira ngo bahangane n'iki kiza.
Inyuma y'aho umurwi wiwe ukubitiwe ku kibuga cawo ibitsindo bitanu na Leeds nijoro, yavuze ati: "Umutekano kuri bose ni co kintu nyamukuru imbere y'ibindi vyose".
"Iyo numvise ko uwu mugera mushasha wandukira ningoga gusumba uwa mbere, ikintu gikenewe ubu ni ukubanza guhagarika gato".
"Mfise imyaka 66, sinipfuza kwandura Covid".
"N'aho twogerageza gute, n'aho twopimisha kangahe, uko twokwambara udupfukamunwa kwose, uko twokaraba kwose, turabandanya kwandura mu gihugu cose".
"Mu gihe vyoboneka ko ari vyo bikenewe [akaruhuko], tubikore uko ihiganwa ripfume riba rirerire ariko tubanze duhangane n'iki kiza".
Ralph Hasenhuttl umumenyereza wa Southampton yakoreye muhira yifashishije ubuhinga bwa videwo mu rukino rwarangiye ari ubusa ku bundi na West Ham nijoro ku wa kabiri inyuma y'aho umwe mu bo atunze mu nzu asanze yaranduye coronavirus.
Eka n'umumenyereza wa Wolves, Nuno Espirito Santo, yagize ico avuga ku bijanye n'ibi bitigiri vy'abanduye uwu mugera muri Premier league inyuma y'aho umurwi wiwe utsindiwe na Manchester United nijoro ku wa kabiri.
Ati: "Ibitigiri bigenda vyiyongera ku buryo buteye ubwoba mu gihugu kandi na twe ntaho tuyihungira".
"Hariho ibintu udashobora gukwepa. Iyo hari indwara y'icaduka ije, abantu bategerezwa kwicara bakihweza igisumba ikindi".
Hagati aho, ryaba ishirahamwe ry'umupira w'amaguru mu Bwongereza, ryaba ishirahamwe ry'umupira w'amaguru ku rwego rwa Buraya, yaba reta, ntaco izi nzego ziratangaza ku bijanye n'ingingo zikwiye gufatwa.










