Dickson Etuhu: Uyu yahoze akinira Nigeriya yagiriwe na ruswa mu mukino muri Swede

    • Umwanditsi, Simon Reeves
    • Igikorwa, Football Writer, Sweden
  • Yatangajwe

Dickson Etuhu, yahoze ari umukinyi nserukiragihugu wa Nigeriya mu mupira w'amaguru, yagiriwe n'icaha co kugerageza kugura umukino muri sentare yunguruza imanza muri Swede.

Sentare yunguruza imanza ya Stockholm mu rwandiko yasohoye kuri uno wa gatatu yavuze ko ata gukekeranya Etuhu n'uwundi yahoze ari umukinyi atavuzwe bagerageje guhenda umunyegoli wa AIK, Kyriakos "Kenny" Stamatopoulos.

Bashaka kugura umukino wo mu ciciro co hejuru mu mupira w'amaguru muri Swede mu mwaka w'2017.

Etuhu yakiniye amakipe menshi yo muri Premier League mu Bwongereza harimwo Manchester City, Sunderland, Preston, Blackburn na Fulham, yasimvye urw'umunyororo ariko acirwa igihano co kutaja mu nkino, ariko nta bindi vyashizwe ahagaragara.

Uwo mugabo w'imyaka 37, yavuye mw'ikipe ya AIK mu 2016, yavuze ko azokwunguruza kuri iyo ngingo muri sentare ntahinyuzwa.

Sentare yavuze ko "ivyo abo bagabo bahaye uwo mukinyi (Stamatopoulos) vyari ibintu utokekeranya ko biri mu rwego rw'ibigize icaha ca ruswa."

Etuhu yari yabanje kugirwa umwere na sentare mu mwaka uheze ariko umushinjacaha Johan Lindmark yaciye yunguruza, akaba yabwiye ikinyamakuru Espressen co muri Swede ko ashimye urubanza rw'uno munsi.

Lindmark yagize ati "Nakiranye isomwa ry'urubanza rw'uno munsi n'umutima uhimbawe. Nari nunguruje nzi yuko sentare izohindura kandi sinatangaye mbonye ingingo yashitsweko."

Etuhu yakiniye ikipe ya Nigeriya, Super Eagles, inshuro 20 mu gikombe ca Afrika mu 2008 no mu 2010 co kimwe no mi gikombe c'isi muri Afrika y'epfo.