Umunonotsi Caster Semenya wa Afrika y'Epfo yatumiwe guhiganwa muri Diamond League ku metero 800 muri Maroc

Yatangajwe

Abajejwe ihiganwa rya Diamond League mu gihugu ca Maroc bamenyesha ko umunonotsi w'umwigeme wo muri Afrika y'Epfo, Caster Semenya, yatumiwe guhiganwa ku metero 800 ejo ku munsi wa Mungu mw'iryo higanwa.

Ku munsi wa kabiri w'iyi ndwi, sentare nkuru y'igihugu c'Ubuswisi yarahagaritse vy'agateganyo ingingo nshasha yari iherutse gufatwa n'ikigo mpuzamakungu kijejwe ukwinonora imitsi, IAAF, categeka ko abanonotsi b'igitsinagore bafise ibinyabugabo birenze (testosterones) bitegerezwa kugabanywa.

Ku munsi wa kane, Semenya yari yamenyesheje ko atari bwemererwe kwitaba iryo higanwa ryo muri Maroc, n'aho iyo ngingo yari yahagaritswe.

Ariko ku munsi wa gatanu, Alain Blondel yari arongoye inama itegura iryo higanwa yavuze ko afise "umunezero w'ukumenyesha" ko Semenya yatumiwe muri iryo higanwa.

Semenya asanzwe yarunguruje urubanza ku ngingo y'ikigo IAAF y'ukugabanya ivyo binyabugabo, ingingo afata ko ari akarenganyo ku banonotsi b'igitsinagore nka we.

Amahiganwa ya Diamond League ntategurwa n'ico kigo IAAF, bisigura ko abategura amahiganwa nk'ayo bafise uburenganzira bwo gutumira abo bashatse.

N'aho imanza zikibandanya, Semenya amaze gutsinda amahiganwa ya Olempiki abiri yikurikiranya ku metero 800, ari ku rutonde mfatakibanza rw'abazoserukira Afrika y'Epfo mu nkino mpuzamakungu zizobera mu gihugu ca Qatar mu mpera z'uno mwaka wa 2019.