Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Maroc, Misri na Arabia Saudite basezeye mu gikombe c'isi
Igitego ca Luis Suarez ku munota wa 23, conyene cari gikwiye kugira umugwi wa Arabia Saudite utekere utwawo usubire iwabo.
Uraguay yatsinze igitego 1-0 Arabia Saudite.
Muri ico gihe nyene Christiano Ronaldo yatsinze igitego Maroc catumye na bo nyene basezera ihiganwa ririko rirabera mu Burusiya.
N'aho umugabane wa Afrika wishimiye intsinzi ya Senegela ku musi wa kabiri, ivyavuye mu rukino rwa Maroc birababaje kuko umugwi wa mbere wa Afrika wasezeye ihiganwa.
N'aho basigaje urukino rumwe, Maroc ntishobora kubandanya ihiganwa.
Maroc bakinye urukino rwa mbere na Iran aho baciye batsindwa igitego 1-0.
Misri yavuye mw'ihiganwa inyuma y'aho Uruguay itsindiye Arabia Saudite, aho bo baciye baronka uburenganzira bwo kubandanya ihiganwa co kimwe n'Uburusiya bwateguye iri higanwa.
Ku musi wa kabiri Uburusiya bwatsinze Misri ibitego 3-1.
Muri ico gihe nyene Maroc imenyerezwa na Herve Renard yaratsinzwe na Portugal ku musi wa gatatu.
Igitego ca Ronaldo ni co catumye Portugal ironka intsinzi ija no mu kibanza ca mbere mu mugwi B.
Gushika ubu, Portugal ifise amanota ane.
Kubera iki Maroc yasezeye ihiganwa kare?
Iran yari kuronka amanota 6 iyo yatsinda Espagne.
Espagne ku rundi ruhande ubu ifise amanota 4, ikaba inganya amanota na Portugal bari banganije mu rukino rwa mbere.
Iyi migwi ibiri mu gihe yari kunganya, Iran yaca igira amanota ane, Espagne na amanota abiri ikaba ivuyemwo.
Inyuma yo gukina inkino zibiri, Maroc ntiyaronse igitego canke inota na kimwe.
Uwo mugwi uzokina urukino rwa nyuma na Espagne.
Uwundi musi wa Ronaldo
Christiano Ronaldo yasubiye kwandikwa cane mu bimenyeshamakuru inyuma yogutsinda mu mugwi nserukira gihugu ca Portugal igitego ca 85.
Gushika ubu kandi Ronaldo ni we amaze kwinjiza ibitego vyinshi kw'isi.
Umugwi wa Maroc werekanye urukino rwiza ariko ntiwashoboye kwinjiza.
Umukinyi w'inyuma Benatia yaronse akaryo incuro nyinshi ko kwinjiza ariko vyanse.
Umunyegoli wa Portugal yafashije umugwi wiwe gukuramwo imipira myinshi ya Maroc.