Maroc, Misri na Arabia Saudite basezeye mu gikombe c'isi

Umukinyi w'umugwi wa Maroc inyuma yo gutsindwa na Portugal

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Umukinyi w'umugwi wa Maroc inyuma yo gutsindwa na Portugal
Yatangajwe
Igihe co gusoma: iminota 2

Igitego ca Luis Suarez ku munota wa 23, conyene cari gikwiye kugira umugwi wa Arabia Saudite utekere utwawo usubire iwabo.

Uraguay yatsinze igitego 1-0 Arabia Saudite.

Muri ico gihe nyene Christiano Ronaldo yatsinze igitego Maroc catumye na bo nyene basezera ihiganwa ririko rirabera mu Burusiya.

Suarez inyuma yo gutsinda igitego Arabia Saudite

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Suarez inyuma yo gutsinda igitego Arabia Saudite

N'aho umugabane wa Afrika wishimiye intsinzi ya Senegela ku musi wa kabiri, ivyavuye mu rukino rwa Maroc birababaje kuko umugwi wa mbere wa Afrika wasezeye ihiganwa.

N'aho basigaje urukino rumwe, Maroc ntishobora kubandanya ihiganwa.

Maroc bakinye urukino rwa mbere na Iran aho baciye batsindwa igitego 1-0.

Mo Salah inyuma y'intsinzi y'Uburusiya kuri Misri ku musi wa kabiri

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Mo Salah inyuma y'intsinzi y'Uburusiya kuri Misri ku musi wa kabiri

Misri yavuye mw'ihiganwa inyuma y'aho Uruguay itsindiye Arabia Saudite, aho bo baciye baronka uburenganzira bwo kubandanya ihiganwa co kimwe n'Uburusiya bwateguye iri higanwa.

Ku musi wa kabiri Uburusiya bwatsinze Misri ibitego 3-1.

Muri ico gihe nyene Maroc imenyerezwa na Herve Renard yaratsinzwe na Portugal ku musi wa gatatu.

Mchezaji wa Morocco baada ya kipenga cha mwisho cha mechi kulia

Ahavuye isanamu, Reuters

Igitego ca Ronaldo ni co catumye Portugal ironka intsinzi ija no mu kibanza ca mbere mu mugwi B.

Gushika ubu, Portugal ifise amanota ane.

Kubera iki Maroc yasezeye ihiganwa kare?

Iran yari kuronka amanota 6 iyo yatsinda Espagne.

Espagne ku rundi ruhande ubu ifise amanota 4, ikaba inganya amanota na Portugal bari banganije mu rukino rwa mbere.

Iyi migwi ibiri mu gihe yari kunganya, Iran yaca igira amanota ane, Espagne na amanota abiri ikaba ivuyemwo.

Umukinyi wa Maroc inyuma y'ifirimbi ya nyuma

Ahavuye isanamu, Getty Images

Inyuma yo gukina inkino zibiri, Maroc ntiyaronse igitego canke inota na kimwe.

Uwo mugwi uzokina urukino rwa nyuma na Espagne.

Uwundi musi wa Ronaldo

Christiano Ronaldo yasubiye kwandikwa cane mu bimenyeshamakuru inyuma yogutsinda mu mugwi nserukira gihugu ca Portugal igitego ca 85.

Gushika ubu kandi Ronaldo ni we amaze kwinjiza ibitego vyinshi kw'isi.

Tambuka X ubutumwa
Uremeye ibiri kuri X?

Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookie n'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.

Uragaba: Ibitangwa n'izindi mbuga bishobora kubamwo gutangaza

Impera ya X ubutumwa

Umugwi wa Maroc werekanye urukino rwiza ariko ntiwashoboye kwinjiza.

Umukinyi w'inyuma Benatia yaronse akaryo incuro nyinshi ko kwinjiza ariko vyanse.

Umunyegoli wa Portugal yafashije umugwi wiwe gukuramwo imipira myinshi ya Maroc.