IKIBIRIRAHO, Trump na Perezida wa Iran basinye amasezerano y'ibanze agamije kurangiza intambara

Umugambi wa nikleyere wa Iran, ari na wo ahanini Amerika ivuga ko watumye haba intambara, uzoganirwako mu nyuma.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Didier Bikorimana na Gildas Yihundimpundu

  1. AI izotuma haboneka ubuzi bwinshi ku bantu aho kubasubirira – Bezos yatanguje Amazon

    Jeff Bezos afise aka ‘micro’ ku gutwi kw’i buryo, yambaye agapira k’amaboko magufi, ari mu nama, ariko aravugira

    Ahavuye isanamu, Reuters

    Jeff Bezos, yatanguje uruganda rwa Amazon rw’ubuhinga bwa none rukorera no kuri internet, avuga ko ubwenge bw’ubukorano (AI) buzotuma hakenerwa abakozi benshi kurushiriza, aho gutuma abantu batakaza akazi.

    Yabivuze igihe yari mu nama ku buhinga bwa none ibera i Paris mu Bufaransa.

    Bezos yamiriye kure impungenge ziriko ziriyongera zivuga ko AI izosubirira abantu benshi mu kazi.

    Ahubwo ashimangira ko ubwo buhinga buzokwugurura amahirwe mashasha kandi bukongereza urugero rw’abakozi b’abantu bakenewe.

    Ivyo bivuguruza ivyiyumviro vya bamwe mu banyapolitike n’abahinga bo mu gisata c’ubuhinga bwa none – harimwo uwahoze ari Umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza Rishi Sunak, ubu akaba ari umuhanuzi mw'ikompanyi ya Microsoft n'ikompanyi ya AI yitwa Anthropic, aherutse kuvuga ko AI iriko iragira ingaruka ku mahirwe y’urwaruka yo kuronka akazi.

    Bezos yagize ati: “Ndazi ko hari abantu benshi bafise umutima uhagaze, harimwo n’incabwenge nyinshi, bavuga ko AI izotuma abantu batagikenerwa, n’ibindi.”

    Yongerako ati: “Ntabwo nemeranya na gato n’ico ciyumviro. Kandi, mu vy'ukuri, nibaza ko AI izotuma habaho ubukene bw’abakozi.”

    Yatanze ishusho y’umwizero ku ruhara AI izogira muri kazoza, avuga ko abantu benshi batabuzwa gutera imbere no kuba badafise indoto, imigambi n'ivyipfuzo, ahubwo ko babuzwa n’intambamyi ubuhinga bwa none bushobora gufasha gukuraho.

    Uyu murwizatunga atunze ama miriyaridi y'amadorari, yariko avuga ku mugambi wiwe mushasha wa AI witwa Prometheus, wibanda ku kwihutisha ibikorwa vyo guhingura ibintu mu mahinguriro – igisata kiriko kirarushiriza gukoresha ubuhinga bw’ama robot n’amamashini mu kibanza c’abantu.

    Izindi nkuru wosoma:

  2. Umukuru w'ikigo IAEA c'inguvu za nikleyere avuga ko amasezerano ya Amerika na Iran ari 'intambwe nziza itewe'

    Rafael Grossi arongoye ikigo mpuzamakungu kijejwe inguvu za nikleyere (IAEA)

    Umukuru w’ikigo mpuzamakungu kijejwe inguvu za nikleyere (IAEA) yavuze ko amasezerano hagati ya Amerika na Iran ari "intambwe nziza itewe", yamara agabisha ko hakiri ibikorwa bihambaye bikeneye kurangurwa.

    Rafael Grossi yabivuze ku wa gatatu mbere y'uko ayo masezerano ashirwako umukono icese, mu kiganiro yahaye BBC i Genève mu Buswisi.

    Abajijwe nimba ayo masezerano mashasha aruta canke adashika ku ya mbere yari yashitsweko hagati ya Iran n’ubutegetsi bw’uwahoze arongoye Amerika Barack Obama (Perezida Trump yahavuye yikuramwo), Grossi yishuye ko ata kugereranya gushoboka.

    Yavuze ko aya mashasha ari “amasezerano y’inyuma y’intambara”, mu gihe ayo hambere yari yarateguwe kugira Iran yemererwe kubandanya ibikorwa bimwebimwe vya nikleyere vyagenewe gusa imigambi y’amahoro.

    Yongeyeko ko aya masezerano azosaba ko hakorwa urutonde rw’iyisigaye muri ‘uranium’ ihinguwe ku rugero rwo hejuru cane ya Iran, kandi ko ari igikorwa kizogorana kubera ibikorwa remezo vyinshi vy’ico gihugu vyasambuwe mu gihe c’intambara.

    Grossi yizeye ko IAEA izohabwa uburenganzira bwo kugenzura ibisigaye mu bigo vya nikleyere vya Iran.

    Yagize ati: “Nitwasanga hari ibidakurikizwa, tuzobivugira ku mugaragaro.”

    Grossi kandi ari mu bahiganirwa kuba Umunyamabanga mukuru wa ONU.

    Kuba yirinze kugereranya aya masezerano n’ayari yashitsweko ku butegetsi bwa Obama (yabonetse habaye ibiganiro vy’imyaka myinshi kandi abahinga benshi bakayabona nk’ayagenze neza muri rusangi), bishobora kuba biterwa n'uko adashaka kuvuga ikintu cose cofatwa nko kunegura Amerika, igihugu gifise ububasha bwo guhagarika kandidatire yiwe mu kanama ka ONU kajejwe Umutekano.

    Izindi nkuru wosoma:

  3. Kigoma – Tanzania: Abanyamahanga badafise ivya ngombwa bahawe indwi kugira babe basubiye iwabo

    Buramatari w’intara ya Kigoma, Ambassadeur Simon Sirro, ariko avugira muri 'micro'.

    Ahavuye isanamu, Mwananchi

    Insiguro y'isanamu, Buramatari wa Kigoma, Simon Sirro, avuga ko inzego zitegerezwa kurinda umutekano w'iyo ntara (ifoto mbarankuru yo mu bubiko)

    Buramatari Simon Sirro w’intara ya Kigoma mu burengero bwa Tanzania yategetse umunyagihugu wese wo muri iyo ntara ahaye indaro canke akoresha umunyamahanga adafise ivya ngombwa kuba yamusubije iwabo bitarenze indwi imwe, nk’uko bishikirizwa n’ibinyamakuru vyo muri ico gihugu.

    Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ku wa gatatu, Simon Sirro yagize ati: “Benewacu baturuka mu bihugu bibanyi ntavuze izina, birukira igihugu cacu kubera dufise vyinshi bibakwega. Barakora mu mirima tukabahemba neza, bararonka ‘services’ nziza,....”

    Ariko abandanya agira ati: “Bashobora guhungabanya umutekano w’igihugu.”

    Nta makuru azwi yo muri iyi myaka ya vuba iheze y'aho abanyamahanga bahungabanije umutekano wa Tanzania.

    Intara ya Kigoma, isanzwe izwi nk’iyirwiriyemwo inkambi zitandukanye z’abahunze baturuka mu bihugu bibanyi vya Tanzania. Ikunda no kwibonekezamwo abimukira binjirayo bavuye muri ivyo bihugu nyene, ku mvo zo kurondera akazi.

    Muri abo bimukira, amwe mu makuru avuga ko higanjemwo abamuka mu Burundi, kimwe mu bihugu bihana urubibe n’iyo ntara ya Tanzania.

    Kuva mu 2023, Tanzania yagiye yirukana Abarundi, harimwo n'abakiri bato, vyibazwa ko baharurwa mu bihumbi baba binjiyeyo mu buryo ivuga ko budakurikije amategeko, bagiye kurondera akazi.

    Inyuma y'intureka zadutse mu Burundi mu 2015 zivuye ku kiringo ca gatatu cateye impari c'uwari Perezida Pierre Nkurunziza, ababarirwa mu bihumbi mirongo bahungiye muri Tanzania, nubwo kuva ico gihe hari benshi batahutse mu Burundi.

    Hambavu y’akazi ko mu mirima, Buramatari Sirro avuga ko hari n’abo usanga bakora mu bunywero no mu mahoteri.

    Agira ati: “Ako kazi n’Abatanzania baragakeneye.”

    Uwo mutegetsi avuga ko badashobora kureka abanyamahanga badafise ivya ngombwa ngo bagume batembera muri iyo ntara “nkuko umengo nta reta ihari”.

    Asaba umudandaza wese abakoresha kubasubiza iwabo mu kiringo kitarenze imisi indwi. Agabisha ko uwutazobikora azoca ashikirizwa ubutungane, co kimwe n’uwo azoba yahaye indaro.

    Izindi nkuru wosoma:

  4. Umutoza 'atinya kumusimbuza' – Ronaldo yagowe no kwigaragaza mu gihe ibindi bihangange byitwaye neza

    Cristiano Ronaldo agaragara amanjiriwe ubwo Portugal yagwaga miswi na Repubulika ya Demokarasi ya Congo.

    Ahavuye isanamu, Getty Images

    Insiguro y'isanamu, Cristiano Ronaldo yahushije amahirwe abiri y'ibitego mu gice cya kabiri cy'umukino Portugal na Repubulika ya Demokarasi ya Congo byaguyemo miswi

    Ibihangange bitatu bikomeye cyane mu mupira w'amaguru byarigaragaje ku wa kabiri muri iki gikombe cy'isi cya 2026.

    Ibitego bibiri Kylian Mbappé yatsinze Sénégal byatumye aba uwa mbere umaze gutsindira Ubufaransa ibitego byinshi.

    Nuko Erling Haaland wa Norvège arigaragaza mu mukino wa mbere w'igikombe cy'isi yari ayikiniye, ubwo na we yatsindaga ibitego bibiri mu mukino ikipe y'igihugu cye yatsinzemo Iraq.

    Lionel Messi we yashyizeho akarusho. Atsinda, ku nshuro ya mbere mu gikombe cy'isi, ibitego bitatu mu mukino Argentine yatsinzemo Algeria, bituma anganya umuhigo n'Umudage Miroslav Klose wo gutsinda ibitego byinshi mu mateka y'imikino y'igikombe cy'isi, w'ibitego 16.

    Ku wa gatatu, urubuga rwari rwahawe Cristiano Ronaldo kugira ngo na we yigaragaze muri iri rushanwa – ariko uyu kapiteni wa Portugal yananiwe kwigaragaza.

    Inkuru irambuye hano

  5. Trump na Perezida wa Iran basinye amasezerano y’ibanze agamije kurangiza intambara

    Abakuru b’ibihugu ba Amerika na Iran

    Ahavuye isanamu, Getty Images/SOPA Images

    Abakuru b’ibihugu ba Amerika na Iran bashize umukono ku masezerano y’ibanze afise intumbero yo kurangiza intambara, ivyatumye aca atangura kuja mu ngiro buno nyene.

    Bimwe mu biri muri ayo masezerano, ni iyugururwa ry’umuhora wa Hormuz, ugushiraho ikigega ca miliyaridi 300 z’amadolari kizofasha “gusanura” ivyononekaye muri Iran, hamwe n’uko Amerika izokuraho ibihano vyose yafatiye Iran.

    Ariko rero, ikibazo c’umugambi wa nikleyere wa Iran, ari na co Amerika yavuze ko catumye haba iyo ntambara, kiracarindiriye ibiganiro bizomara iminsi 60, ikiringo gishobora no kwongerezwa.

    Perezida wa Amerika, Donald Trump, yashiriye umukono kuri ayo masezerano mu Bufaransa aho yari mu nama ya G7.

    Yayashigikiye asigura ko azokingira isi “akarambaraye k’ubutunzi”. Ariko kandi aburira ko Amerika “izosubira kwakiriza umucanwa w’ama bombe” kuri Iran hamwe hatoboneka amasezerano ya nyuma.

    Perezida wa Iran Masoud Pezeshkian na we nyene yarasinye ayo masezerano y’ibanze ku wa gatatu, nk’uko vyemejwe n’ubutegetsi bw’ico gihugu.

    Umukuru w’Inama nshingamateka ya Iran, akaba n’umwe mu baganira ku ruhande rw’ico gihugu Mohammad Bagher Ghalibaf, yabwiye ibinyamakuru vya reta ko agifitiye amakenga Amerika, kandi ko Iran iguma yiteguriye kwivuna umwansi.

    Yabwiye ikinyamakuru ca reta Fars ati: “Nimba umwansi adatahura ururimi rw’ubwenge n’ibiganiro, tuzosubira kumuvugisha mu rurimi rw’inguvu.”

    Amerika na Israel batanguje intambara kuri Iran ku wa 28 Ruhuhuma (2), mu gitero ca mbere cahitanye umutegetsi w’ikirenga wa Iran, Ayatollah Ali Khamenei, hamwe n’abategetsi bakuru b’igisirikare.

    Ariko kuva ico gihe, iyo ntambara yarushirijeho gukara no kwaguka, bituma ibiciro vy’amasoko ntanganguvu biduga, n’umurindi w’iduga ry’ibiciro urongerekana ku masoko.

    Ivyo vyatewe n’uko Iran mu kwihora yaciye, ubiravye, yugara Hormuz, umuhora ngirakamaro cane kubera ucamwo n’imiburiburi ibice 20 kw’ijana (20%) vy’ibitoro na gaz bikoreshwa kw’isi.

    Izindi nkuru wosoma:

  6. Mwaramutse neza!

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubashikiriza amakuru yo mu karere no mu makungu mu buryo bw'ikibiriraho.