Zimbabwe: Abashingamateka bashigikiye integuro yo kwongerereza Perezida ikiringo ku butegetsi

Ahavuye isanamu, Getty Images
Inama nshingamateka yo muri Zimbabwe yemeje integuro y’itegeko ifise intumbero yo kwongereza ikiringo c’umukuru w’igihugu kuva ku myaka itanu gushika kuri ndwi, ingingo yoshobora gutuma Perezida Emmerson Mnangagwa aguma ku butegetsi gushika mu 2030.
Mw’itora ryabaye ku wa kane, umukuru w’inama nshingamateka, Jacob Mudenda, yatangaje ko abashingamateka 216 batoye bashigikira iyo nteguro, igitigiri gisumba kure amajwi 187 yari akenewe kugira ngo haboneke ubwiganze bwa bibiri vya bitatu busabwa kugira hahindurwe ibwirizwa shingiro.
Abashingamateka 42 ni bo batoye bayiyamiriza.
Ubu, iyo nteguro igiye kurungikwa mu nama nkenguzamateka. No muri uru rwego vyitezwe ko izokwemezwa kuko umugambwe ZANU-PF uri ku butegetsi bitangazwa ko urufisemwo ububasha bukomeye biciye ku bacuditse na wo harimwo n’abategetsi kama.
Hakurikijwe izo mpinduka zitegekanijwe, abategetsi batowe n’abanyagihugu, harimwo Perezida n’abashingamateka, bazohora barangura amababanga batorewe mu kiringo c’imyaka indwi, mu gihe ico kiringo cahora ku myaka itanu.
Izo mpinduka zitegekanya kandi ko amatora yimirije yungururizwa mu mwaka wa 2030. Ziranahindura uburyo bwo gutora Perezida, aho azohora atorwa n’Inama nshingamateka, mu gihe yahora atorwa n’abanyagihugu bose.
Ibinyamakuru vyo muri Zimbabwe bivuga ko abashigikiye iyo nteguro basigura ko ikiringo kirekire c’umukuru w’igihugu cotuma igihugu kironka umutekano urama, amafaranga akoreshwa mu matora akagabanuka, hama n’ingendo yo kubaza umutegetsi ivyo yashitseko mu nshingano ziwe ku banyagihugu, igatsimbatara.
Ariko abarwanya iyo nteguro bavuga ko izo mpinduka zigamije kugumiza Perezida Mnangagwa ku butegetsi inyuma y’ikiringo ciwe ca kabiri kizorangira mu mwaka wa 2028. Abo baragerageje no kurwanya mu buryo bw’amategeko iyo nteguro mu kwitura ubutungane.
Izindi nkuru wosoma:


