Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Brittney Griner: Rurangiranwa muri Basketball yaciriwe gupfungwa imyaka 9 azira gufatanwa ibiyayuramutwe
Sentare yo mu Burusiya yaciriye urubanza umukinyi rurangiranwa wa Basketball wo muri Amerika Brittney Griner gupfungwa imyaka umunani yagirizwa ibiyayuramutwe.
Yategetswe kandi kuriha amande y'umuliyoni w'ama roubles angana n'amadolari 16.300.
Griner yemeye icaha co gufatanwa ivyo biyayuramutwe ariko agahakana ko yabikoze yabigambiriye.
Uwo mwigeme w'imyaka 31 amaze gutwara umudali wa Olempike yapfunzwe mu kwezi kwa kabiri ku kibuga c'indege i Moscou aho bamufatana amavuta arimwo cannabis mu bintu yari afise.
Cannabis ntirekuwe mu Burusiya. Umugwi w'ababuranira Griner wavuze ko bashobora kwunguruza kuri ico cemezo cafashwe kuri uyu wa kane na sentare ya Khimiki iri irunde ya Moscou.
Prezida wa Amerika Joe Biden yavuze mw'itangazo ko Uburusiya bupfunze bidakurikije amategeko Griner aca abuhamagarira kumurekura ubwo nyene.
Ntibiramenyekana umwanya azomara apfunzwe, mu gihe Amerika n'Uburusiya bumaze imisi buganira kw'ihanahana ry'impfungwa rishobora kujamwo uwo mukinyi wa Basketball nk'uko bivugwa n'umumenyeshamakuru wa BBC mu rurimi rw'ikirusiya, Steve Rosenberg.
Inkuru zitangwa n'ibinyamakuru vyo muri Amerika zivuga ko umurusiya adandaza ibigwanisho bidaciye mu mategeko Viktor Bout - azwi kw'izina rya Merchant of Death (Umudandaza w'urupfu) - ashobora kurungikwa mu Burusiya muri uwo mugambi.