Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umugore yiciwe mu kurasana n'abajejwe umutekano mu gitero yakoze mu rusengero i Texas
- Umwanditsi, Chloe Kim
- Igikorwa, BBC News
- Yatangajwe
Umugore yari aherekejwe n’umwana wiwe yishwe arashwe n’abajejwe umutekano igihe yarasa mu rusengero rwari rukoraniyemwo abantu benshi, nk’uko bivugwa n’abategetsi.
Igipolisi gitangaza ko uno mugore yikekwa gukora iki gitero yitwa Genesse Ivonne Moreno w’imyaka 36, akaba yari kumwe n’umwana wiwe w’umuhungu w’imyaka indwi yakomeretse cane mu gihe haba ukurasana mu gisagara ca Houston.
Abajejwe amatohoza bavuga ko inkoho y’uno mugore yakoze iki gitero yari yanditseko ijambo "Palestine", kandi ko basanzeko n’ivyandiko vy’urwanko ku Bayahudi.
Ariko bavuga ko imvo z’iki gitero zitazwi neza.
Umugabo w’imyaka 57 yarashwe mu mafyigo mu gihe haba iki gitero, kandi ibitaro vyamaze kumurekura.
Uno mwana w’uno mugore nawe yarashwe mu mutwe mu gihe haba ukurasana, akaba yasinzikaye cane, nk’uko igipolisi kibivuga. Uwarashe uno mwana atavuzwe izina ntaramenyekana.
Uru rusengero rwari mu masengesho yariko yerekanwa ikibiriraho igihe amasasu ya mbere yumvikana. Mu ntango, Pasitori Jorge Basave yabadanije n’amasengesho, akaba yabwiye ikinyamakuru Houston Chronicle ko yashaka kwerekana ituze.
Ati: "Natinya ko ubwoba bwanje bwari guca bwandukira abandi."
Mu kiganiro n’abanyamakuru, abategetsi bavuze ko nyene gukora iki gitero yari asanzwe afise kahise k’ibibazo vyo mu mutwe kandi ko mu 2016 yugaraniwe aha wenyene kugira ngo akurikiranwe.
Inyandiko zo kuri kahise kiwe zerekana ko Moreno afise kandi kahise karekare ko guhagarikwa no kwagirwa n’ivyaha vyo kurwana, kunywa ibiyayuramutwe no gutunga ibirwanisho.
Yagiye yiyandikisha ku yandi matazirano atari make, harimwo irizwi nka Jeffery Escalante, kandi hamwe yagiye yandikwa nk’umugabo ahandi akandikwa nk’umugore mu nyandiko ndangamuntu.
Muri iki kiganiro n’abamenyeshamakuru, igipolisi cavuze ko uno mugore yari afise amamuko yo muri Amerika y’ubumanuko.
Igipolisi cemeza ko yahora ashwana n’umuryango w’uwari umugabo wiwe, bamwe muri uno muryango bakaba ari Abayahudi.
Ahabereye iki gitero ni ku rusengero rwitwa Lakewood Church, rumwe mu mashengero manini mu gihugu, rurongowe n’umuvugabutumwa azwi cane Joel Osteen.
Igipolisi kivuga ko uno mugore yinjiriye mu burengero bw’uru rusengero ari mu modoka yera, isaha indwi n’iminota 53 (13h53) mu masaha ya Texas, ni ukuvuga isaha zitatu n’iminota 53 z’ijoro (21h53) mu masaha ya Gitega na Kigali, neza na neza igihe imisa yo mu rurimi rw’iki-espagnol yagira itangure.
Yeretse inkoho yiwe umucungazamu ata kirwanisho yari afise, yamuretse akinjira mu nyuma akarasa ashitse mu bwinjiriro bw’urusengero.
Umupolisi w'i Houston w’imyaka 28 hamwe n’uwundi w’imyaka 38 wo mu gisata ca Texas kijejwe kugenzura ihingurwa n’igurishwa ry’inzoga (Texas Alcoholic Beverage Commission, TABC) - bompi bakaba bari mu karuhuko - bari bahawe akazi ko gucungera umutekano muri urwo rusengero, nabo baciye barasa.
Amasasu menshi yarashwe mu gihe haba ukurasana, nk’uko abategetsi babivuga, imbere y’uko uno mugore “araswa”, akaza gutangazwa ko yapfuye haciye iminota mikeya.
Umukuru w’igipolisi ca Houston, Troy Finner, avuga ko Moreno yabonywe asanzaza "ibintu hasi", ariko abajejwe amatohoza bavuga ko basanze ata kibazo vyateye.
Amaze kuraswa, yabwiye aba bapolisi babiri ko hariho ikibombe, ariko abajejwe umutekano bamaze gusaka, nta giturika bigeze babona mu gasaho kiwe canke mu modoka yiwe.
Umukuru wa TABC, Kevin Lilly, yavuze ko uwo mukozi w’ikigo ciwe yitwa Adrian Herrera.
Mu gushimagiza aba bapolisi babiri bahagaze rugabo mu gihe uno mugore yarasa, yavuze ati: "Ivyabaye ejo ni ishusho y’ubutwari n’ukurinda.
"Babaye uruhome hagati y’abariko barasenga hamwe n’iterabwoba. Hagati y’ubwigenge mu kwemera hamwe n’ubwicanyi.”