Umupadiri w'umugatorika muri Amerika yapfuye inyuma yo kugabwako igitero mw'isengero i Nebraska

Yatangajwe

Umupadiri w'umugatorika yarapfuye inyuma yo kugabwako igitero mu kigo c'isengero kiri muri Reta ya Nabraska yo muri Reta zunze ubumwe za Amerika.

Igiporisi kivuga ko casanze mw'isengero Padiri Stephen n'uwukekwa kuba yamugavyeko igitero inyuma yo kwitaba iterefone ibatabaza (911) mu gaturuturu ko ku w'Imana mu gacimbiri gato ko muri Fort Calhoun.

Uyu mupadiri w'imyaka 65 yapfiriye mu bitaro i Omaha kubera ibikomere yari yatewe n'uwamugavyeko igitero.

Igiporisi cavuze ko uwukekwako yaciye afatirwa aho nyene mw'isengero.

Mu nyuma cashize hanze amazina yiwe nka Kierre Williams, w'imyaka 43, aba mu gisagara ca Sioux, muri Reta ya Iowa.

Congeye kivuga ko yafashwe kubera gukekwako ubwicanyi no gukoresha ikirwanisho mu caha gihanishwa igipfungo.

Mu 2007, Padiri Gutgsell yaravuzwe cane mu bimenyeshamakuru inyuma yo kwagirwa n'icaha co kwiba mu yindi paruwasi amadorari 127.000.

Yarahawe igihano ariko adafunzwe, ategekwa gusubiza amahera yivye hanyuma arungikwa gukorera mu yindi paruwasi.

Ico gihe abakuru b'isengero bavuze ko Padiri Gutgsell yakuyemwo icigwa. Umukuru w'akarere ka Washingtong, Mike Robinson, ariko arakora amatohoza kuri ico gitero, avuga ko igiporisi kitizera ko urupfu rwiwe rufitanye isano n'urwo rubanza.

Mu mwaka uheze, Michael Gutgsell, umuvukanyi wa Stephen akaba n'umupadiri mugenziwe, nawe nyene yararenze ku mategeko, yagirwa n'ivyaha vyo kwiba amahera menshi.