Iran: 'Nta gusubira inyuma' mu gihe imyiyerekano yujuje imisi 100

Imyiyerekano yatanguriye mu karere k'aba Kurde muri Irani ica iwkragira igihugu cose

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Imyiyerekano yatanguriye mu karere k'aba Kurde muri Irani ica iwkragira igihugu cose
Yatangajwe

Inyuma y’imisi ijana itanguye, imyiyerekano yo kwiyamiriza ubutegetsi imaze igihe kirekire kuva habaye impinduka za ki-Islam muri Irani mu 1979 irahungabanije ubutegetsi ariko ku kiguzi kinini c’ubuzima bw’abantu imaze guhitana.

Abarenga 500 bari muri yo, harimwo abana 69 baramaze kwicwa, nk’uko bivugwa n’ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu, Human Rights Activists' News Agency, HRANA.

Babiri muri yo baramaze kunyongwa abandi nabo bababa 26 barindiriye igihano nk’ico, mu co ishirahamwe Amnesty International rivuga ko ari "imanza z’amanyanga".

N’aho hari imyiyerekano yari imaze kuba muri kahise igahungabanya Irani – mu 2017 gushika mu ntango za 2018, hamwe n’iyindi yo muri Munyunyo (11) 2019 – iya kino gihe ntisanzwe, kuko ihuriyemwo abanyagihugu bo mu gihugu cose kandi abagore bakaba ari bo bafashe iya mbere ku civugo kivuga ngo “Abagore, Ubuzima, Ubwigenge”.

Impande zompi zafashe umurongo utoroshe, ubutegetsi butuza abari muri yo, aho abadahunze bapfungwa, bakaborezwa igufa, abapfa bagapfa.

Bamwe mu bihangange vya Irani bafashe ingingo zo gushigikira imyiyerekano, ivyatumye bafatwa canke bakomoka.

Taraneh Alidoosti, umukinyi w’amareresi azwi cane, apfungiwe mw’ibohero rizwi cane rya Evin  inyuma yo kwiyamiriza inyongwa ry’umuyabaga yari mu myiyerekano. Imbere y’aha, uyu mugore yari yasohoye isanamu yiwe atambaye igitambara co kwitwikira mu mutwe nk’uko bitegerezwa, afise n’igicapo kiriko icivugo c’iyi myiyerekano.

Asghar Farhadi yahagarariye Alidoosti mw’ireresi yiwe, The Salesman, yanditse ku rubuga rwa Instagram ati: "Narakoranye na Taraneh mu mareresi ane none ubu ari mw’ibohero kubera ashigikiye bagenziwe mu gihugu, be no kwiyamiriza imanza z’akarenganyo ziriko ziracibwa”.

"Nimba kwerekana ko ushigikiye uwuharanira uburenganzira bwiwe ari icaha, ubwo rero amamiriyoni mirongo y’abanyagihugu muri kino gihugu ni abagizi ba nabi”.

Uwundi mukinyi w’amareresi  azwi cane yahunze igihugu, Pegah Ahangarani yabwiye BBC ati:

"Irani ntishobora gusubira mu gihe c’imbere ya Mahsa Amini", akaba ashaka kuvuga igihe c’umugore w’umunya-Iran iw’umu-kurde yapfiriye mw’ibohero ku wa 19 Nyakanga (9) bigaca bitera imyiyerekano.

Hamid Farrokhnezhad, uwundi mukinyi w’amareresi w’umunya-Irani azwi cane, yahungiye muri Amerika muri kuno kwezi, avuga ko Indongozi y’ikirenga wa Irani, Ali Khamenei, ari "umutegetsi w’agahotoro".

Amugereranya na Franco yahoze arongoye Espagne, Stalin yahoze arongoye Uburusiya, be na Mussolini yahoze arongoye Ubutaliyano, abo bose bakaba bazwi nk’abari barongoye intwaro mbi z’agahotoro.

"Abagore, Ubuzima, Uburenganzira"  ni co cabaye icivugo c'iyi myiyerekano

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, "Abagore, Ubuzima, Uburenganzira" ni co cabaye icivugo c'iyi myiyerekano
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ikindi kintu gitandukanya iyi myiyerekano n’iyabaye imbere y’aha, ni uko abri muri yo batanguye gukoresha vya biturika bihingurwa mu bitoro (cocktail Molotov).

Ibi biherutse gukoreshwa ku birindiro vy’umurwi witwara gisirikare  Basija hamwe na Hawza, canke amashure y’idini yegukira abarongoye ishami rya Islam  ry’aba Shia.

Umurwi uzwi nka Generation Z nawo warafashe iya mbere muri ino myiyerekano, mu kurenga ku mabwirizwa ruhasha y’idini itanguza ibindi bikorwa bisadanzwe nko guturira ibitambara vyo mu mutwe vyambarwa n’abategetsi b’aba-Islam.

Uwundi murwi ugizwe n’urwaruka ni uwitwa "turban tossing" (twogereranya mu Kirundi na gukorora ibitambara) – aho abari muri wo bayomboka bagaca inyuma y’abategetsi b’Abashia, bagakubita ku bitambara vyabo bagaca biruka.

Umusore w’imyaka 16, Arshia Emamgholizadeh, yarahagaritswe mu gisagara ca Tabriz  kiri mu buraruko bushira uburengero mu kwezi guheze yagirizwa “gukorora igitambara”.

Yapfunzwe imisi cumi imbere yo gupfungurwa. Haciye imisi ibiri, yariyahuye, ivyo umuryago wiwe uvuga ko vyatewe n’ingene yafashwe nabi mw’ibohero. Igihe yari apfunzwe, Arshia yarakubiswe amahiri yongera ahabwa n’ibinini bitazwi, nk’uko umwe mu begereye umuryango yabibwiye BBC igisata c’ururimi rw’igi perse.

Mehran Samak w’imyaka 27 yararashwe mu mutwe mu gisagara ca Bandar Anzali kiri mu buraruko kubera yavugije ihona mu kwerekana umunezero igihe Irani itsindwa ikava mw’ihiganwa ry’igikombe c’isi yose, mu rukino rwabaye ku wa 29 Munyonyo.

Inyonga n’iyica rubozo

Gushika ubu, abagabo babiri ni bo bamaze kunyongwa inyuma yo kwagirwa n’ivyaha vyo guhungabanya umutekano bifatiye kuri ino myiyerekano,  mu co abaharanira agateka ka zina muntu bavuga ko ari amakosa akomeye y’ubucamanza.

Abenshi mu bamaze gucirwa manza zo gupfa bavuga ko bakorewe iyica rubozo.