Ubwicanyi muri Burkina Faso: Hatowe ibiziga 28 vy'abantu muri Nouna

Yatangajwe

Bulamatari w’intara yo mu buraruko bushira uburengero bwa Burkina Faso yamenyesheje ko hatowe ibiziga vy’abantu 28 bishwe barashwe.

Umugwi udaharanira ibibanza vya politike urarega abanyagihugu basanzwe b’abakorerabushake bashigikiye Leta basanzwe bitwaza ibigwanisho mu kugwanya intagondwa za Jihads, kuba baragize uruhara muri ubwo bwicanyi.

Leta ntiyagize ico ivuga kuri ivyo birego, ariko yamenyesheje ko iriko irakora amatohoza.

Burkina Faso imaze imyaka irenga cumi iriko iraterwa n'intagondwa bikaba vyatumye abantu bangana hafi miliyoni zibiri bata izabo.

Igisirikare cafashe ubutegetsi muri Burkina Faso mu kwezi kwa mbere kw'umwaka uheze, ciyemeza guhagarika ibitero, ariko ubwicanyi buguma bukomera.

Leta imenyesha ko ivyo biziga vyatowe ku mataliki ya 30 na 31 y’ukwezi kwa 12.

Leta yateye ivyatsi ico yise "ubwicanyi butagira insiguro" isaba ko haba umutuzo mu kurindira kumenya ibizova mu matohoza.

Leta yongeye ivuga ko ubwo bwicanyi bubaye mugihe yari yatanguje umugambi wo guhamagarira abanyagihugu bose kuja hamwe bakagwanya iterabwoba.

Leta yaratanguje urwego rw’igihugu rugizwe n’abakorera-bushake bagwanya umwansi yise "Homeland Defence Volunteers" rwinjiza abanyagihugu basanzwe mu migwi igwanya intagondwa za Islamu.

Umugwi udaharanira ibibanza vya politike witwa, Collective Against Impunity and Stigmatisation of Communities, urega abanywanyi b'urwego rw’igihugu rugizwe n’abakorera-bushake bagwanya umwansi rwitwa Homeland Defence Volunteers, kuba rwarakoze igitero co kwihora ku kindi gitero coba carakozwe n’intagondwa hagati y’italiki ya 29 na 30 z’ukwezi ca 12.

Nta rwego rwigenga ruremeza ico kirego.