Umusoda ari muzabukuru yarangije urugendo rudasanzwe muri Afrika yigisha ingwara itamenyerewe

Deacon Van

Ahavuye isanamu, GUY DEACON

Insiguro y'isanamu, Imodoka ya Deacon yagenze ibirometero vyababa ibihumbi 20 mu rugendo yarimwo wenyene muri Afrika
Yatangajwe

Umusirikare w'ipete rya Colonel ari mu karuhuko k'izabukuru afise ingwara ya Parkinson's yarangije urugendo rwiwe yakoze ari wenyene muri Afrika rwo guhimiriza abantu kumenya ivyerekeye iyo ngwara.

Guy Deacon aturuka mu karere ka Dorset mu Bwongereza, yagiye arafata amasanamu y'urugendo rw'ibirometero vyababa ibihumbi 20 atwaye imodoka kuri uwo mugabane, rwarangiriye i Cape Town mu ndwi iheze.

Uwo mugabo w'imyaka 60, yasanganywe ingwara ya Parkison haraciye imyaka 11, yavuze ko urwo rugendo "rwasa n'urudashoboka" mu gihe iyo ngwara yaguma yiyongera.

Hari ikiganiro kuri urwo rugendo rwiwe kizokorwa amaze gusubira mu Bwongereza.

Uwo yahoze arongoye ikambi ya Bovington avuga ko muri Afrika batazi vyinshi ku vyerekeye Parkinson, aho abafise iyo ngwara bafatwa nk'ibivume.

Avuga ko yavugiye kuri Radio no ku mboneshakure vy'igihugu mu gufasha "kubandanya bavuga ivyerekeye iyo ngwara.

Parkinson’s ni ingwara igenda ikura mu mubiri, ikaba ifata igice c’ubwonko gikora imisemburo yitwa dopamine, ikamugaza ubushobozi bw’umubiri bwo kugenzura ivyo ukora (movement/mouvement). Nta muti w’iyi ngwara uraboneka.

Ishami rya ONU rijejwe amagara y’abantu kw’isi rivuga ko ariyo ngwara ifata ubwonko iriko iriyongera cane kurusha izindi kw’isi.

Deacon mu kiganiro ca "Good Morning Namibia"

Ahavuye isanamu, ROB HAYWARD

Insiguro y'isanamu, Deacon yarabonetse mu kiganiro ca "Good Morning Namibia" mu rugendo yarimwo agana Afrika y'Epfo

Ariko Deacon, yamaze igihe muri Afrika aciga kuri kaminuza n'igihe yari mu gisirikare, yaragize ikibazo co guhangana n'iyo ngwara ariko arashiramwo inguvu nyinshi mu kuyimenyekanisha.

Yagize ati: "Igihe nari muri Ghana, naramerewe nabi. Nafashe imiti atari yo, nca ndatakara, nahatswe kuja mu bitaro.

"Ariko hari umugabo yaje kuntora, arandeka ndaryama mu cumba c'umukobwa wiwe. Uwo muryango warangwajije, bari bafise umutima mwiza."

Deacon

Ahavuye isanamu, GUY DEACON

Insiguro y'isanamu, Deacon yarabaye muri Afrika aciga muri kaminuza n'igihe yari mu gisirikare

Avuga ko atigeze agira ingorane n'abantu, kandi ko "bitanze uko bashoboye kugira bamufashe. Vyari bitangaje".

Agira ati: "Bafise bike, bagatanga vyinshi."

Deacon muri Namibia

Ahavuye isanamu, ROB HAYWARD

Insiguro y'isanamu, Ariko aragenda mu nzira yarahuye n'ibikoko, aha yari ahuye n'inzovu muri Namibia

Kuba uwo mu Colonel ari mu karuhuko k'iza bukuru afise ingwara ya Parkinson bisigura ko adashobora kwandika "kubera intoke zanje ntizigikora neza", bigatuma "bigorana gukoresha ibintu bimwe bimwe nk'amahera".

Ariko avuga ko gutwara imodoka vyamworoheye kuko yashira intoke ziwe aho zitegerezwa kuja kuri vola.

Deacon yagize ati: "Uko iyo ngwara yagenda ikomera, vyari "ibintu bisanzwe kudashobora kwikomakoma.

"Narerekanye ko nshobora kubikora, ariko bingoye. Vyasa n'ibidashoboka, bisa n'uko ingwara ya Parkisnon yantsinze."

Deacon van

Ahavuye isanamu, ROB HAYWARD

Ashitse muri Afrika y'Epfo, uwo mugabo w'imyaka 60 yagize ati: "Gutura umuzigo nari nikoreye vyaranduhuye cane.

"Narazimije imodoka, nca ndyamika umutwe kuri vola. Nari ndushe cane."

Umukinyi wa Cinema Rob Hayward, yahuye na Deacon incuro zine mu gufasha kwerekana ivyo yaciyemwo, yagize ati: "Wari warengewe Guy, iminwa yawe yariko iragugumwa."

Uyo mu Colonel na we yaravyemeje agira ati: "Vyari bigoye cane. Ariko muri jewe nariyumvira [nti] hari ico nsigaje mpomba?

"Bazombona uko meze. Ntawuzi ububi bw'iyi ngwara. Naravuze ntaciye ku ruhande.

"Ku muntu yaciye mu gisirikare, kurira imbere ya Camera, bisigura ikintu".

Mamp

Ahavuye isanamu, GUY DEACON

Insiguro y'isanamu, Deacon yatanguye urwo rugendo mu 2022 ariko ikiza Covid caramuhagaritse aca asubira kubandanya mu kwezi kwa kane