Papa Francis muri DR Congo: Umuriyoni w'abantu bitavye imisa i Kinshasa

Yatangajwe

Inkuru ya Cecilia Macaulay

BBC News

Papa François yasomye imwe mu misa yiwe yitabwe n’abantu benshi cane, ku murwa mukuru wa Repuburika ya Demokrasi ya Congo, Kinshasa.

Abantu isinzi batanguye gushika i Kinshasa hakiri kare mu mutwenzi, harimwo abakobwa b’abanyeshure amajana bambaye ivyera baguma batamba ku nzira y’aho Papa yategerezwa guca.

Hatanzwe umunsi w’ikiruhuko bituma abantu banshi bashoboka bitaba imissa.

Hafi ica kabiri c’abanye-Congo ni Abakatorika, Congo kikaba ari co gihugu ca mbere c’Abakatorika benshi muri Afrika.

Hari haheze imyaka irenga 37 ata mu-papa agendeye ico gihugu cirayemwo ubutare n’amabuye y’agaciro ariko kikaba cugarijwe n’intambara.

Bigereranywa ko abantu bashika umuriyoni bakoraniye muri iyo misa yabereye hanze ku kibuga c’indege ca N’dole , ku munsi ugira kabiri muri urwo rugendo rw’iminsi itandatu rw’umwungere wa Ekereziya Katorika muri Afrika.

Avugira muri iyo misa, uwo arongoye Ekereziya Katorika yasavye ko haba amahoro muri Congo, avuga ko impande zirwana zikwiye kugiranira imbabazi hanyuma buri ruhande rugaha urwo bihanganye ‘‘ikigongwe kinini c’umutima’’.

Yakomeje asigura akamaro ko guhanagura umutima ‘’ishavu no kwicuza, amakanda yose yo kwidoga no kuterekwa [abandi]’’.

Imisa ya papa yo kuri uyu wa gatatu ivugwa ko yabaye imwe mu misa yiwe ya mbere yitabwe n’abantu benshi cane, ikaba irutwa gusa n’iyo yasomeye muri Philippines mu 2014, ku bwa Christopher Lamb, umunyamakuru akorera ikinyamakuru ca Katorika Tablet i Roma.

Avugana n’ikiganiro ca radio BBC Newsday, yavuze ko Katorika iriko iraduga cane muri Afrika: ‘’Aha niho hari kazoza ka Ekereziya kandi ukuduga kwa Ekereziya Katolika muri Afrika kurahambaye cane kuri kazoza k’ubukatorika.’’

Ku wa kabiri, Papa yabonanye na prezida Felix Tshisekedi yongera avuga ijambo yiyamiriza ingene muri kahise hagiye hibwa ubutunzi bwa Africa, ivyo yavuze ‘nk’ubukoroni bushingiye k’ubutunzi’’.

Yanavuze ku kibazo c’makuba Congo irimwo, aho ubutare ico gihugu gitunze bwagize uruhara mu kiringo c’imyaka irenga 30 y’intambara: “Kura amaboko yanyu muri Congo, kura amaboko yanyu muri Afrika. Reka kuniga Afrika: si ubutare bwo kwimba canke ubutaka bwo gusahura.’’

Mu ntango Papa yari yateguye kugendera umuji wa Goma mu buseruko bw’igihugu, ariko urwo rugendo rwarasibijwe kubera impamvu z’umutekano.

Ku bwa ONU, abantu bashika miriyoni zitandatu bataye izab o kubera intambara muri Congo.

Abo ni bamwe mu bantu benshi bateshejwe izabo kw’isi, ahandi no muri Afghanistan, Yemen, Syria na UKraine.

Benshi muri abo bateshejwe izabo bari um ntara za Kivu y’epfo n’iya ruguru hamwe rero na Ituri um buraruko bw’ico gihugu.