Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Urubanza rwa Nkunduwimye rwabandanije mu Bubiligi humvirijwe umurwizatunga Silas Majyambere
- Umwanditsi, Na Alain Majesté Barenga
- Igikorwa, Umumenyeshamakuru ari i Bruxelles
- Yatangajwe
Urubanza rwa Emmanuel Nkunduwimye batazira Bomboko, umunyarwanda w’imyaka 65 yagirizwa ivyaha vya jenoside rwabandanije ku musi ugira 13 rutanguye, inyuma y’indwi ruhagaze.
Mu ntahe y’ejo ku wa mbere sentare yibanze kuri Silas Majyambere, umurwizatunga w’Umunyarwanda bivurwa ko yafasha FPR-Inkontanyi mu gihe yari ku rugamba.
Silas Majyambere asanzwe ari muramu wa Nkunduwimye, yitavye sentare asa n’umuntu afise amagara make.
Mw’ijwi riri hasi, Majyambere yavuze ko ivyabaye mu gihe ca jenoside atavyo azi kuko yahunze igihugu imbere ya 1990 kuko yari mu batavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Prezida Juvénal Habyarimana.
Sentare yamubajije nimba Nkunduwimye Emmanuel barakoranye, akaba yabihakanye.
Nayo kuba Nkunduwimye Emmanuel yarahigwa kubera ubucuti bafitaniye, yishuye ati: “Birashoboka kuko hari n’abishwe mu muryango wanje bazira jewe, ariko sinovyemeza ko bari kumuhora jewe kuko ntiduherukanye, kandi nta n’imigenderanire twasubiye kugiriranira kuva mpunze”.
Hakurikiye Esdras w’imyaka 63 yari yavuye mu Rwanda, yivuguruje mu vyo yabwiye umurwi w’amatohoza. N’ubwoba bwinshi yavuze ko hari ivyo atibuka mu vyo yabajijwe.
Hahereje umugore w’imyaka 70 yari mu Rwanda avuga ko ari Umututsikazi kandi ko mu 1994 yarokowe na Nkunduwimye Emmanuel yamuhungishirije mw’ihoteri yitwa Milles collines.
Sentare izobandanya yumviriza ivyabona gushika mu kwezi kwa gatandatu, aho abitezwe cane ari Paul Rusebagina umunyapolitike atavuga rumwe na Leta ya Kigali, hamwe na Wellars Gasamagera arongoye umugambwe FPR Inkotanyi.