Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
'Bamwe bati Nkunduwimye yakoze jenoside abandi ngo n'intangarugero nta bwicanyi yagiyemwo' - Ivyabona
- Umwanditsi, Alain Majesté Barenga
- Igikorwa, Umumenyeshamakuru ari i Bruxelles
- Yatangajwe
Urubanza rwa Emmanuel Nkunduwimye batazira Bomboko, umunyarwanda w’imyaka 65 yagirizwa ivyaha vya jenoside yo mu Rwanda rwabandanije ku munsi ugira umunani kuva rutanguye i Buruseli mu Bubiligi.
Mu ntahe y’uno munsi sentare yumvirije ivyabona 4 barimwo batatu bamuregura.
Uwa mbere yumvirijwe ni Kassim Bigirimana yaje ava mu Rwanda.
Uwo mugabo yapfunzwe imyaka 11 yagirizwa ivyaha vya jenoside imbere yuko agirirwa imbabazi, yavuze ko yahoze ari umusirikare mu gisoda ca Habyarimana.
Yemeje ko yagendanira umukuru wa CDR, umwe mu migambwe yari icuditse na MRND wari kubutegetsi, akavuga ko yiboneye Nkunduwimye mu manama menshi ategura jenoside aho yatanze akarorero k’inama yabereye mw’ikambi y’igisirikare "Camp Kigali", inama yari irongowe na général Kabirigi yari akomeye cane mu gisirikare ca Habyarimana mu gihe ca jenoside.
Ico cabona casavye Nkunduwimye kwemera icaha agasaba imbabazi abanyarwanda kuko na we yishe nka we ariko yababariwe.
Mu rutonde rw’abaregura Nkunduwimye hatanguye Theodore Rudasingwa w’imyaka 50, murumunawe, aba mu Bubiligi kuva mu 1997.
Yatanguye asaba umunota w’agacerere wo kwibuka abatutsi bahitanywe na jenoside yabakorewe mu Rwanda mu 1994.
Sentare yakamwimye ahubwo imutegeka kuvuga ivyo azi ku birerwa mwenewabo Nkunduwimye, uno nawe yishura ko uretse kumubona yambaye impuzu za gisirikare ari kumwe n’abafise inkoho baje kumuhungisha aho yari yahungiye, atigeze amubona mu bwicanyi kandi amuzi nk’umugabo w’akarorero kuko ari we yamureze ari nka se amuvyara.
Yemeje ko mukuruwe yari mubahigwa kuko yari muramu w’umurwizatunga Silas Majambere yafasha abo muri FPR bakiri inyeshamba.
Hakurikiye Jean Marie Mudahinyuka batazira Zuzu w’imyaka 64 yumvirijwe ari mw’ibohero mu Rwanda hakoreshejwe ubuhinga bw’amashusho (vision confèrence) aho yaciriwe imyaka 19 azira jenoside.
Uwo mugabo n'aho yiyemerera ko yari mu bakuriye Interahamwe ararahira akarengwa ko atawe yishe.
Sentare imubajije ku vyagiriza Nkunduwimye yagize ati: "Bomboko ni umugenzi kuva kera. Twari dusangiye garage ahari Amgar, ntababeshe nta vy'ubwicanyi ndamuzimwo.
"N'aho nari mu batwara interahamwe we ntiyagiyemwo ntiyigeze aba no muri MRND.
"Nimba mwaramubonye yambaye impuzu za gisirikare kwari kugira acungure agatwe".
Hakurikiye Jean Marie Nkuriyingoma w’imyaka 64, yahoze ari umumenyeshamakuru mu Rwanda n’umushiranganji wo kumenyeshamakuru n’umuvugizi wa reta y’u Rwanda kuva mu 1994 gushika mu 1995 imbere y’uko ahungira mu Bubiligi kubera kutumvikana n’umugambwe FPR.
Na we nyene yavuze ko azi Nkunduwimye kuko bakuranye yamara ko ata bwicanyi amuzimwo.
Yagize ati: "Nkunduwimye tuva hamwe n’ukuri ndamuzi nk’umugabo w’intwari kandi afashanya, ivyo vy’ubwicanyi nibaza ko atavyo yojamwo".
Uwuregwa Emmanuel Nkunduwimye yari muri sentare asa n’uwutekanye ahagatiwe n’abamwunganira mu mategeko.
Sentare yaciye ifata ingingo yo gusubira kwumviriza urwo rubanza ku munsi wa mbere aho hazumvirizwa ibindi vyabona.