Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ibisigi vya Nelson Mandela: Afrika y'Epfo ishaka guhagarika igurishwa icamunara
- Umwanditsi, Gloria Aradi
- Igikorwa, BBC News
- Yatangajwe
Reta ya Afrika y'epfo iriko iragerageza guhagarika igurishwa icamunara ritavugwako rumwe ry'ibisigi 70 vya Nelson Mandela, intwari yarwanije ivanguramoko.
Harimwo utwuma twifashishwa mu kumva ku bafise ingorane zo kutumva neza neza (hearing aids), ikarata ndangamuntu, utuganuke yahawe n'abategetsi batandukanye bo kw'isi n'impuzu yambaye abaye umukuru w'igihugu wa mbere yitorewe n'abanyagihugu iriko ikimenyetso ciwe ca 'Madiba'.
Umukobwa wiwe mukuru, Makaziwe Mandela, ashaka kugurisha ivyo bintu icamunara muri Amerika.
Ariko reta ya Afrika y'Epfo ivuga ko ivyo bintu ari ivy'igihugu.
Amategeko agenga iki gihugu avuga ko ibintu bifatwa nk'iragi ndangakaranga bidashobora kujanwa hanze ya Afrika y'Epfo.
Ikigo ca reta gishinzwe gukingira iragi ndangakaranga na kahise ca Afrika y'epfo (The South African Heritage Resources Agency Sahra), cavuze ko cunguruje urubanza ku ngingo yo guhagarika iryo gurishwa.
Iyo ngingo yo kwunguruza urubanza yarashigikiwe n'ubushikiranganji bwo kwinonora imitsi, utugenegene n'imico kama. Umushikiranganji Zizi Kodwa yavuze ko ashigikiye uru rubanza mu ''ntumbero yo kubungabunga iragi rikomeye ry'igihugu''.
Yongeye avuga ko guhagarika iryo gurishwa ari nkenerwa kubera Mandela " ari umwe mu bagize iragi rya Afrika y'epfo".
"Ni nkenerwa cane ko tubungabunga iragi rya Prezida Nelson Mandela kandi tukitwararika ko ibikorwa vyaranze ubuzima bwiwe biguma mu gihugu bikazokwerekwa urwaruka ruzoza."
Reta yari yahagaritse iryo gurishwa mu 2021 igihe ryatangazwa ubwa mbere, ivuga ko bimwe muri ivyo bintu bashaka kugurisha vyari ibishusho vya reta.
Camunara yari yategekanyijwe mu 2022 yaciye ihagarikwa kubera hanyuma hakurikira imanza muri sentare zamaze imyaka ibiri.
Mu kwezi guheze, sentare nkuru yo muri Pretoria yahavuye iha uruhusha umupfasoni Mandela rwo kugurisha ibintu, n'aho reta yari yavuze ko ivyo bintu vyari iragi ndangakaranga ry'igihugu.
Bwana Kodwa ubu yavuze ko kugurisha icamunara ubu bidashobora kubandanya kubera ko Sahra n'ubushikiranganji bw'imico kama mu kwezi guheze bwunguruje urubanza ku ngingo yafashwe, buvuga ko ivyo bintu "bitari bifise uruhusha rwo gusohoka igihugu mw'ihayanishwa canke kugurishwa mu mahanga".
Kugurisha icamunara bitegekanijwe kuzotangura ku wa 22 z'ukwa mbere, ariko ntibizwi neza ko kunguruza urubanza kwa reta bizobihagarika.
Ivyo bintu vyaramaze gushirwa kw'isoko n'inzu y'urudandazwa rwa camunara ya Guernsey ifise icicaro i New York. Ivuga ko nk'akarorero utwuma twifashishwa mu kumva dushobora kwinjiza ayababa ibihumbi mirongo ibiri vy'amadorari ($20.000; amafaranga y'Uburundi arenga 57.000.000) hanyuma ishati imwe igashobora kugurishwa ayababa $70.000.
Yaba umupfasoni Mandela canke abandi baryango bo kwa Mandela canke Ikigo Mandela Foundation, nta numwe aragira ico ashikirije ku bijanye n'uko reta yanse iryo gurishwa mu minsi iheze.
Umupfasoni Mandela yavuze kare ko uburyo azokura mu camunara buzokwifashishwa mu kwubaka icibutso hafi y'aho Mandela yashinguwe mu ntumbero yo kumuha icubahiro.
Iyi camunara yateguwe yateje impari nyinshi cane muri Afrika y'Epfo aho abantu bamwe bavuga ko reta yari ikwiye guhagarika igurishwa ry'ibintu vy'agaciro "ntagereranywa".
Ariko abandi bavuga ko iyi ngorane boyirekera umuryango wa Mandela ukabitorera inyishu wonyene.
Mandela yapfuye mu 2013 afise imyaka 95. Yari umukuru w'umugambwe African National Congress mu rugamba rwo kwikurako intwaro karyanishamiryango - intwaro yari yemewe n'amategeko yashira imbere ivanguramoko- hanyuma amara imyaka 27 mu mvuto.
Yabaye umukuru w'igihugu wa mbere muri Afrika y'epfo yitorewe n'abanyagihugu mu 1994.