Kubana n'ingorane yo kwitwa 'imperekeza'!

Abaganwa Prince na Harry

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abaganwa William (i buryo) na Harry (i bubamfu) baraba ibirori vyo guhimbaza ikinjana ku ngabo za RAF mu 2018
Yatangajwe

Na Sean Coughlan

Umunyamakuru w'i bwami

"Mbega ivyiza! Ubu rero urampaye samuragwa n'imperekeza, igikorwa canje kirarangiye".

Ayo niyo majambo umuganwa Harry avuga ko yaranze umunsi w’amavuko yiwe mu kiyago uwari umuganwa Charles, se wiwe, yagiranye n’umugore wiwe umuganwakazi wa Wales yari ahejeje kwibaruka umuhungu wiwe w’ubuheta, ari we Harry,

Iyi nkuru iri mu gitabo umuganwa Harry yanditse ku buzima bwiwe yise ‘Spare’, ico twogereranya na ‘imperekeza’.

Aremeza ko iryo jambo ryakoreshwa kenshi mu muryango wiwe w’ubwami, bamuvuga.

Ati: “Barabivuga atari ukugira banegure, ariko nari nk’igishusho, umuntu wo kwitegekanya, uwo kuzokwikorako hagize igihinduka”. Uko niko yavyanditse mu gitabo ciwe cahinduwe mu rurimi rw’iki-espagnol.

"Nari naje mw’isi kugira ngo mbe 'spare'... imperekeza, ndindiriye igihe hogira igishikira mukurwanje Willy", uko niko avuga mu gitabo ciwe akoresha akazina ka Willy mu kuvuga mukuru we samuragwa w’ingoma - William, nawe akiyita “Harold”.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Imvugo ya "an heir and a spare", mu kirundi "samuragwa n’imperekeza", ikomoka ku bo mu muryango w’ubwami bitegekanya ba samuragwa b’ingoma canke abazoragwa intara, hamwe n’'imperekeza’ zishobora kubasubirira mu gihe bigoranye, samuragwa nyakuri agize ivyago imbere y’uko aronka uruvyaro rwomusubirira.

Ivyo kwitwa 'imperekeza' ntivyaguye neza namba umuganwa Harry, ku buryo yakoresheje iryo jambo nk’umutwe w’igitabo ciwe.

Ubuzima mu butunzi  bw'agatangaza ariko butagira intumbero bushobora kuba butakibereye, ariko kandi bukajana n’uko ushobora kunanirwa no kugira ico ushitseko be no kutabona iyo uriko uraja.

Pauline Maclaran, umuhinga mu bijanye n’umuryango w’ubwami, akaba n'umwigisha muri kaminuza ya Londres (University of London), agira ati: "Ni nk’aho ata murimo uba ufise.

“Nta kazi kazwi uretse kuramukanya no kuganira neza n'abantu”

Avuga ko ari ubuzima bwo kuba mu vyiza ariko butagira intumbero, bushobora no gutuma umuntu yiyumva nk’uwutagira ikimazi canke icerekezo ca kazoza.

Kubwa professeur Maclaran, umuryango w’ubwami wari ukwiye kwitunganya muri bino bihe mu buryo ugenera abantu nka bene abo ibikorwa bizwi, canke naho ukabaha uburenganzira bwo kutagira ico ubatezeko c’uruhara rwabo mu muryango w’ubwami, mu gihe batakiri mu murongo wa ba samuragwa bo mu nda y’ingoma.

Ed Owens, umuhinga yanonosoye kahise, nawe avuga ko muri Suède na Danemark hariho akarorero ka bene iyo ngendo, aho igitigiri c’abafise uruhara mu muryango w’ubwami cagabanijwe, abari kwitwa ‘imperekeza’ bakabaho mu buzima bwabo bwite, batarinze kuvangirwa canke kwinjirigwa n'amabanga y’ubwami.

Umuganwakazi Margaret (i bubamfu), kumwe na mukuru we, umwamikazi Elizabeth II, mu mwimenyerezo w’inkino zo gusiganwa kw’ifarasi, zizwi nka Concours complet de Badminton/Badminton Horse Trials,  mu 1973

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Umuganwakazi Margaret (i bubamfu), kumwe na mukuru we, umwamikazi Elizabeth II, mu mwimenyerezo w’inkino zo gusiganwa kw’ifarasi, zizwi nka Concours complet de Badminton/Badminton Horse Trials, mu 1973

Ed Owens avuga ko umuganwakazi Margaret, yari murumuna w’umwamikazi Elisabeth II, ari akarorero muri bene abo bantu baremerezwa no kuba igitutu c’amabanga y’abavandimwe babo ba samuragwa b’ingoma.

Ibi ngo bigaragaza ico kibazo Harry avuga mu gitabo ciwe.

Owens avuga ko umuganwakazi Margaret yisanze "ubuzima bwiwe bwite" bwigaruriwe n'ibinyamakuru.

Ibi avuga ko bidashobora gushikira ba samuragwa bo mu nda y’ingoma.

Uwo muhinga wa kahise aravuga ko kuba umwana w’ubuheta, uretse kuba imperekeza ya samuragwa, bisigura kandi guhura n’ibibazo vyo kwizizirwa n'ibinyamakuru, rimwe na rimwe ndetse mu buryo bubi, aho usanga hakoreshwa imvugo ikomeretsa mu nkuru zibavugwako.

Agira ati: "Abaganwa bo ku ruhande rwa ba samuragwa, ivyo bakorerwa usanga bifatwa nk’aho bibabereye. Icubahiro n’igitinyiro bakuru babo bo mu nda y’ingoma bahabwa, usanga bo batagihabwa”.

Ibi usanga bihuye n’ivyo umuganwa Harry yashatse kuvuga mu kwerekana ko imperekeza ifatwa nk’umuntu wo "kwikorako, kunezereza canke gusamaza abantu".

Umuganwa Andrew

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Umuganwa Andrew ariko araba ubutumwa n’amashurwe yasizwe n'abagiye gusezera ubwa nyuma nyina wiwe, umwamikazi Elizabeth II, mu kwezi kwa cenda 2022.

Uwundi kugerageza amahigwe yo kurondera kugira uruhara mu buzima bwiwe bwite bitarangiye neza ni umuganwa Andrew.

N’imbere y’uko yagirizwa uruhara yahakanye rujanye n’ihohotera rifatiye ku gitsina, yari yahawe agatazirano ka ‘Air Miles Andy’ kubera ubwinshi bw'ingendo ziwe mu mahanga.

Ariko hari abo vyahiriye, umwami George VI, yari yatanguye agonanwa, yahavuye asubirira murumuna we Edward wa VIII, atari yararonse abana bari kuba basamuragwa biwe, igihe yava ku ngoma ku bushake.

Kandi yarashoboye kuyobora neza igihugu n’ubwo hari mu gihe c’intambara.

Se wiwe, George V, yari yabaye uwundi muhungu w’ubuheta yagiye ku ngoma, mukuruwe amaze gupfa, afise imyaka 28 gusa y'amavuko, hari mu kiza c’akamangu co mu 1892.

Uretse kuraba ko umuntu akurikira samuragwa mu mavuko kugira ngo abe ariwe agenwa kuzoba umusubirizi, professeur Maclaran avuga ko hari hakwiye kugira ibindi vyihwezwa bashingiye ku bihinduka mu muryango w’ubwami.

Avuga ko abana b’ubuheta bashobora kugira ishari, ico yise "second-child syndrome", bakivumbura kubera imfura zihabwa ikibanza kiri hejuru yabo ndetse n’amabanga asumba ayabo.

Ibi ndetse ngo bishobora gutera abavukana kurabana ribi, umukuru nawe agashavuzwa no kuba murumunawe ata ruhara runini aba ajejwe.

Mu mutwe biba bimeze nk’urutambi rushobora kwaka igihe ico arico cose, ariko kandi mu buryo bw’amategeko ngenderwako ata kiri buhinduke.

Hari n’ahandi muri kahise wasanga umutoya yagirizwa amabi, arimwo kwitwara nabi canke ishari no kubangamira ubutegetsi bwa mukuru we samuragwa.

Yibutsa umugani wakinywe muri firime ya Disney mu myaka ya 1970s, uvuga ku mwami 'mubi John' ahangana n’umwami 'mwiza Richard' bapfa ububasha mu kinjana ca 12.

Umuganwakazi Margaret, na Diana n'abahungu biwe William na Harry

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Umuganwakazi Margaret, ari kumwe na Diana, umuganwakazi wa Wales, n’abaganwa William na Harry, inyuma yo kurorera aho indege za gisikare ziguruka zishushanya amabara y’ibendera mu kirere 06/1988

Ariko umwanditsi ku vya kahise Sir Anthony Seldon, avuga ko muri iki kinjana ca 21, bitari ngombwa ko harinda kugira ivyo abaganwa batari ba samurangwa bafashwe nk’imperekeza babuzwa gukora, canke ngo bavugwe nabi.

Avuga ko umuganwa Harry na Meghan bafise ubushobozi bwinshi basigaje bwo gukora ivyiza kandi bashobora kugira "kazoza keza cane, aho kuba abahamirizi" bicaye ngaho gusa ku bw'umuryango w’ubwami, hamwe mu majambo yiwe hokomeza gushirwa imbere "ubwenge n'ubuntu".

Sir Anthony avuga ko hakwiye kuvamwo umwe, agakura, kuko kubw'iwe hari abavukanyi babiri vyumvikana neza ko bakomeretse.

Ati: "Ibi rero bishobora kubandanya kuba umukururano, bitandukire no kugira ingaruka zikomeye cane.

"Haracari igaruriro, aba bavukanyi bashobora gusubiza hamwe".

Arangiza agira ati: “Kuko muri ino ntambara nta n’umwe yokwitwa uwatsinze”.